Uko wahagera

Abaforoma Basubiriye Guhagarika Akazi mu Burundi 



Inyuma y'indwi zibiri sendika y'abaforoma SYNAPA iragabisha guhagarika akazi. Akazi k'abaforoma kahagaze mu bitaro vyinshi vya reta ku mugwa mukuru w'Uburundi no mu gihugu hagati nk'uko vyemejwe n'abanya masendika n'abarongoye ibitaro baganiriye n'Ijwi rya Amerika kuri terefone.

Ku mugwa mukuru w'Uburundi, Bujumbura, mu bitaro Ijwi rya Amerika ryaciyemwo, abaforoma bari bicaye mu bibanza bisanzwe vyakira abagwaye, bambaye umwambaro ubaranga. Abagwaye bari mu musunikano, bagwanira kwakirwa n'abaforoma bo mu masendika abiri y'abaforoma atahagaritse akazi. Ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, igisata gipima abakenyezi bibungenze n'izindi ngwara nti cakoze.

Ku bitaro vyitiriwe umuganwa Prince Regent Charles, umuyobozi w'ivyo bitaro, Therence Ntawurishira, yabwiye Ijwi rya Amerika ko akazi karangugwa ku bice mirongo itandatu kw'ijana. Uwo muyobozi w'ibitaro arashima ko sendika yahamagaye guhagarika akazi, yubahirije irangurwa ry'ibikorwa bibayabaye nk'uko bitegekanijwe n'amategeko.

Abo baforoma bahagaritse akazi basaba itegeko ribaha umushahara wisununuye, uturusho n'utundi dushirukabute dufatiye ku buryo akazi kabo kadasanzwe, nk'uko bavyivugira. Itegeko riramaze gushigwako umukono n'umukuru w'igihugu ariko ngo abo baforoma bakeneye ko abashikiranganji babiri uwujejwe ikigega ca reta n'uwo abakozi ba reta, basohora itegeko rishira mu ngiro ivyo basaba. Sendika SYNAPA ntitomora neza ikiringo iryo hagarikwa ry'akazi rizomara.

XS
SM
MD
LG