Uko wahagera

Mu Burundi, Impunzi z'Abanyamulenge Zirashamiraniye n'Abaporisi. 


Ubuzima bw'impunzi z'Abanyamulenge zimaze imisi zihanganye n'abaporisi mu Burundi mu tara ya Mwaro bwifashe nabi. Reta y'Uburundi na HCR bivuga ko bidashobora gufasha impunzi zanse kuja mw'ikambi nshasha yateguwe mu buseruko bw'Uburundi.

Amashirahamwe y'abagiraneza na HCR amaze indwi zitatu ahagaritse igikorwa co gufasha izo mpunzi z'Abanyamulenge zanse kuja mw'ikambi nshasha yateguwe mu buseruko bw'Uburundi. Ikambi zahoramwo nayo yarasambuwe, imishamirano hagati y'izo mpunzi n'abaporisi irabandanya. Freddy Gakunzi aserukira izo mpunzi, avuga ko muri kino gihe bafise ingorane zikomeye zo kubura ivyo bafungura n'aho barara. Amagara y'abana ngo arasinzikaye cane.

Umushikiranganje wajejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi, Edouard Nduwimana, yabwiye Ijwi rya Amerika ko izo mpunzi zifise ingorane koko, ariko ngo nibo bazitera kuko batubahiriza amategeko. Radio Ijwi rya Amerika yaraganiriye kandi kuri terefone n'umukenguzamateka Moise Nyarugabo w'Umunyamulenge ari i Kinshassa. Uwo mukenguzamateka aranegura uburyo abaporisi b'Abarundi bakoresheje inguvu mu kubuza impunzi zipfuza gusubira mu gihugu cazo.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi asigura ko reta y'Uburundi itabujije izo mpunzi gutaha, ngo habaye ukutumvikana ku buryo izo mpunzi zisubira muri Congo iyo zaje ziva.

Kw'igenekerezo ry'indwi mu gitondo, amakamyo ya HCR yagiye gutwara izo mpunzi i Bwagiriza mw'ikambi nshasha yaratewe amabuye n'abo Banyamulenge. Reta y'Uburundi iriko irabandanya kujijura izo mpunzi ngo zemere kuja mw'ikambi nshasha canke naho zemere gusubizwa mu gihugu cazo n'amakamyo ya HCR. Icibonekeje n'uko izo mpunzi zitizeye ko ayo makamyo yobatwara iyo bipfuza kuja. Benshi mur'izo mpunzi bacitse kw'icumu mu bwicanyi bwakorewe Abanyamulenge mu mwaka w'i 2004 mu Gatumba mu Burundi.

XS
SM
MD
LG