Uko wahagera

Impunzi Nshasha z'Abanyarwanda mu Ntara ya Kirundo


Impunzi z'Abanyarwanda ziherutse gushika mu Kirundo, mu Buraruko bw'Uburundi. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 30, muri uku kwezi kwicenda, abajejwe intwaro muri komine Bugabira, mu ntara ya Kirindo, mu buraruko bw'Uburundi, batangaje ko impunzi zirenga amajana atanu z'Abanyarwanda zimaze kwakirwa kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 29 z’uku kwezi. Nk'uko vyemezwa na buramatari w'intara ya Kirundo, Juvenal Muvunyi,
izo mpunzi ngo zigizwe ahanini n'abagabo.

Buramatari w’intara ya Kirundo, atashimye ko tumufata amajwi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo banyarwanda basigura ko bahunga ivyo bita "itotezwa ry'ubutungane bita "Gacaca". Bavuga ko mur'ubwo buryo bwo guca imanza z'abagirizwa ihonyabwoko ryo mu Rwanda harimwo akarenganyo no gufata abantu kivunga. Buramatari Juvenal Muvunyi aremeza ko ikibazo c'izo mpunzi gikomeye kandi ngo wewe kimurengeye.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo baganiriye n'Ijwi rya Amerika, bavuga ko gushika kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 30, izo mpunzi zitari bwaronke ikibanza gitomoye zakirirwamwo. Buramatari Juvenal Muvunyi asaba ko abagiraneza ba HCR bashika vuba muri komine Bugabira, kugira ngo bigire hamwe n'abajejwe intwaro igikorwa co kwakira abo Banyarwanda bavugako bahunga ubutungane bubi bwo mu Rwanda. Mu biro vy'uwuserukira Urwanda mu Burundi, baremeza ko hariho abanyarwanda bahungira mu Burundi, ariko bagatanga insinguro zitari zo, kuko ngo ubutungane Gacaca bumaze imyaka myinshi bukora. Mu mwaka w'i 2008, Abanyarwanda barenga ibihumbi bibiri barahungiye mu Burundi bavuga ko bahunga ubutungane Gacaca. Abo bantu bahavuye basubizwa iyo bavuye ku nguvu, inyuma y’uko abategetsi ba reta y'Urwanda babonanye n’aba reta y'Uburundi.

XS
SM
MD
LG