Uko wahagera

Akazi Kahagaze mu Mashure Yisumbuye mu Burundi


Sendika y'abigisha bo mu mashure yisumbuye yahagaritse akazi kuva kur'uyu musi wa mbere. Abigisha bo mu mashure yisumbuye ya reta bitavye akamo batewe na sendika yabo CONAPES. Mu mashure yo mu gisagara ca Bujumbura abanyeshure bari batonze mu gatondo, ariko baciye basubira inyuma kubera abigisha batiriwe baraza ku kazi.

Abajejwe indero mu ntara baganiriye n'Ijwi rya Amerika bari mu ntara zitandukanye zo hagati mu gihugu, baremeje ko mu mashure menshi akazi kataranguwe uko vyahora. Abayoboye amashure hamwe hamwe bagiye baratunganya amanama n'abigisha, kugira ngo bumvikane ingene ibikorwa bibayabaye vyorangurwa.

Sendika CONAPES isanze ayandi masendika atatu yo mu mashure y'intango SLEB, STEB na SYNAPP amaze indwi ahagaritse akazi. Ayo ma sendika yose y'abigisha asaba ishigwa mu ngiro ry'amategeko aha akarusho k'umushahara abigisha. Ayo ma sendiko avuga ko yagiraniye ibiganiro na reta kuva mu mwaka w'i 2005, ariko amasezerano ntarashobora gushigwa mu ngiro. Muri reta basigura ko ikibazo c'abigisha ari ico kwitondera, kuko ngo gisaba amafaranga menshi. Abigisha bashika ibihumbi mirongo ine na babiri mu gihugu cose, ni ukuvuga ibice mirongo itanu n'umunani kw’ijana vy'abakozi bose ba reta.


XS
SM
MD
LG