Uko wahagera

Ubuyapani Bwahebeye Ingurane Uburundi


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n’amakungu hamwe n'uwuserukira Ubuyapani mu Burundi, afise icicaro muri Kenya, barashize umukono, i Bujumbura, ku masezerano abiri. Mu masezerano ya mbere, Ubuyapani buhebera Uburundi ingurane ishika ku miriyaridi mirongo ine na zitanu z'amafranga y’Uburundi. Mu masezerano agira kabiri, Ubuyapani buha ishirahamwe rya reta rijejwe kwunguruza abantu, OTRACO, imfashanyo y’imiduga mirongo umunani n'umunani minini minini, izotwara abantu mu Burundi, igashobora gushika no mu bindi bihugu.

Imfashanyo yahawe ishirahamwe OTRACO ifise agaciro k'imiriyaridi cumi na zine n'imiriyoni amajana atanu. Uretse imiduga, iyo mfashanyo izokoreshwa mu kugura ivyuma vyo gukora iyo miduga. Bitegekanywa ko iyo miduga izotangura gukora mu mwaka w'i 2010. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'amakungu yarashimye iyo mfashanyo, mu kuvuga ko ije mu gihe ishirahamwe OTRACO ryari rifise ingorane z'imiduga yo kwunguruza abantu.

Ishirahamwe OTRACO niryo shirahamwe rya reta ryunguruza abantu mu Burundi. Kuva mu mwaka wi 1980 ryamye rikoresha imiduga y'Ubuyapani itanzwe nk'ingurane canke imfashanyo. Kandi icibonekeje muri kahise, n’uko iryo shirahamwe ryagiye riratwagwa nabi.


XS
SM
MD
LG