Uko wahagera

Amashamba Arabangamiwe mu Burundi.


Umushikiranganji w'ibidukikije Deogratisa Nduwimana agabisha gufata ibino bikomeye cane n'umbwo bidategekanijwe n'amategeko ku baturira ibiriro ya nyakanga yimonogoje mu gihugu cose. Mu nama yatunganije kur'uwu wa gatandatu mu ntara ya Gitega mu gihugu hagati yamenyesheje ko agiye gutangisha amahadabu akomenye cane n'umunyororo ushika ku myaka cumi.

Abajejwe intwaro, ibidukikije n'igiporisi basambwe kurikanura bagahagarika imiriro ya nyakanga ibangamiye amashamba cimeza azana imvura akaba uburaro bw'ibikoko bibereye ijisho bikazanira akamaro Uburundi. Mu nama y'i Gitega umushikiranganji Nduwimana yamenyeshje ko mu ntara ya Ruyigi iza umbwambere amahegitari amajana atatu na mirongo itanu y'amashamba amaze gucika umunyota. Intara za Bururi na Rutana nizo zikurikira naho ngo ni amahegitari arenga ijana na mirongo itanu amaze guturirwa.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije aranegura igikorwa c'abajejwe intwaro n'igiporisi kuko ngo ntibafata abaturira imiriro ya nyakanga. Mu makomine menshi y'igihugu amashamba cimeza arabangmiwe kandi n'abajejwe intwaro baca ibiti badafise uruhusha n'abanyagihugu bayarimamwo.

XS
SM
MD
LG