Mu
kiganiro umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi Riyetena jenerari
Germain Niyoyankana yahaye abamenyeshamakuru kur'uwu wa kane ejo haheze
yasiguye ko Uburundi bushigikiye intambara z'abasirikare b'igihugu ca
Kongo bafadikanije n'abasoda ba MONUC bahagarariye ONU muri Kongo n'abasirikare
b'Abanyarwanda mu kugwanya Interahamwe n'umuhari FDLR mu vyo bise '' operation
KIMYA'' ariko ngo izo ntambara ziratanguye kugira ingaruka mbi ku mutekana yo
mu Burundi. Kuva mu kwezi kw'indi igisoda c'Uburundi ngo cagiye kironka inkuru
zivuga ko interahamwe n'abagwanyi ba FDLR binjira mu Burundi bahunga intambara
zo muri Kongo iharanira demokarasi.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi yabwiye abamenyeshamakuru ko
Interahamwe n'aba FDLR boroherwa mu kwinjira muri kino gihe co muci uruzi
Rusizi rugabura Kongo n'Uburundi rwagabanutse cane. Iyo binjira ngo baba bari
mu tugwi dutoduto, ababibonye babafashije gutwara ivyo bafise, babibwiye
abasirikare, iyo binjira ngo bigira abanyagihugu basanzwe ariko ngo biboneka ko
ari abagwanyi. Umushikiranganji Germain Niyoyankana yemeza ko binjira bagana
ishamba ryo mu Kibira ryamye kuva imyaka cumi irangiye rikoreshwa n'imigwi
yagwanya ubutegetsi mu Burundi. Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi
avuga ko bari mu gikorwa co kurondera izo nterahamwe n'aba FDLR.
Mur'ico kiganiro umushikiranganji wa kwivuna abansi mu Burundi Riyetena
jenerari Germain Niyoyankana yaramenyesheje ko mugenzi w'igihugu c'Urwanda
agira kur'uwu wa gatanu urugendo rw'imisi itatu mu Burundi. Abo
bashikiranganji bakazoganira ku vyerekeyeye umutekano mu karere k'ibiyaga
binini n'uburyo boshobora gukorera hamwe
mu gukomeza umutekano mu bihugu vyabo.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi yipfuza ko ibihugu
vy'urwanda, Uburundi na Kongo bija hamwe mu kugwanya imigwi ihungabanya
umutekano. Abasirikare b'Abarundi n'Abanyarwanda baragwaniye hamwe mui Kongo mu
mwaka w'i 2000 aho Uburundi n'Urwanda vyasigura mu makungu ko biriko
bikurikirana imigwi y'inkozi z'ikibi zihungabanya umutekano mur'ivyo bihugu
vyompi uko ari bibiri.Ico gihe ivyo bikorwa vya gisirikare vyaracafuje
imigenderanire hagati y'ivyo bihubu na Repuburika ya Kongo iharanira demokarasi