Uko wahagera

Interahamwe n'Abagwanyi ba FDLR Bamaze Kwinjira mu Burundi...


Mu kiganiro umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi Riyetena jenerari Germain Niyoyankana yahaye abamenyeshamakuru kur'uwu wa kane ejo haheze yasiguye ko Uburundi bushigikiye intambara z'abasirikare b'igihugu ca Kongo bafadikanije n'abasoda ba MONUC bahagarariye ONU muri Kongo n'abasirikare b'Abanyarwanda mu kugwanya Interahamwe n'umuhari FDLR mu vyo bise '' operation KIMYA'' ariko ngo izo ntambara ziratanguye kugira ingaruka mbi ku mutekana yo mu Burundi. Kuva mu kwezi kw'indi igisoda c'Uburundi ngo cagiye kironka inkuru zivuga ko interahamwe n'abagwanyi ba FDLR binjira mu Burundi bahunga intambara zo muri Kongo iharanira demokarasi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi yabwiye abamenyeshamakuru ko Interahamwe n'aba FDLR boroherwa mu kwinjira muri kino gihe co muci uruzi Rusizi rugabura Kongo n'Uburundi rwagabanutse cane. Iyo binjira ngo baba bari mu tugwi dutoduto, ababibonye babafashije gutwara ivyo bafise, babibwiye abasirikare, iyo binjira ngo bigira abanyagihugu basanzwe ariko ngo biboneka ko ari abagwanyi. Umushikiranganji Germain Niyoyankana yemeza ko binjira bagana ishamba ryo mu Kibira ryamye kuva imyaka cumi irangiye rikoreshwa n'imigwi yagwanya ubutegetsi mu Burundi. Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi avuga ko bari mu gikorwa co kurondera izo nterahamwe n'aba FDLR.

Mur'ico kiganiro umushikiranganji wa kwivuna abansi mu Burundi Riyetena jenerari Germain Niyoyankana yaramenyesheje ko mugenzi w'igihugu c'Urwanda agira kur'uwu wa gatanu urugendo rw'imisi itatu mu Burundi. Abo bashikiranganji bakazoganira ku vyerekeyeye umutekano mu karere k'ibiyaga binini n'uburyo boshobora gukorera hamwe
mu gukomeza umutekano mu bihugu vyabo.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi yipfuza ko ibihugu vy'urwanda, Uburundi na Kongo bija hamwe mu kugwanya imigwi ihungabanya umutekano. Abasirikare b'Abarundi n'Abanyarwanda baragwaniye hamwe mui Kongo mu mwaka w'i 2000 aho Uburundi n'Urwanda vyasigura mu makungu ko biriko bikurikirana imigwi y'inkozi z'ikibi zihungabanya umutekano mur'ivyo bihugu vyompi uko ari bibiri.Ico gihe ivyo bikorwa vya gisirikare vyaracafuje imigenderanire hagati y'ivyo bihubu na Repuburika ya Kongo iharanira demokarasi

XS
SM
MD
LG