Uko wahagera

Alexis Sinduhije mu Minywe y'Abaporisi


Umukuru w'umugambwe MSD, Alexis Sinduhije, ari mu minywe y'abaporisi. Abaporisi bo mu ntara ya Ruyigi, mu buseruko bw'Uburundi, barahagaritse umukuru w'umugamwe MSD, Alexis Sinduhije, kuva ku musi w'Imana igenekerezo rya kabiri, ukwezi kw’umunani ku mugoroba. Alexis Sinduhije yari kumwa n'abanywanyi b'umugambwe wiwe bashika mirongo ibiri.

Abaporisi bakikuje inzu yarimwo, muri karitiye bita Gasanda, ku mugwa mukuru w'intara ya Ruyigi, babwiye Ijwi rya Amerika ko umukuru w'umugambwe MSD yatunganije inama ataruhusha afise. Alexis Sinduhije nawe yisiguye avuga ko ata nama yarimwo, ko yariko araganira n'abanywanyi biwe bamusanze aho yari araye.

Alexis Sinduhije umukuru w'umugambwe MSD yari amaze gufatwa yagirizwa guhungabanya umutekano no gutuka umukuru w'igihugu. Ivyo vyaha vyatumye apfungwa amezi abiri, ariko mu nyuma yarambitswe izera ararekurwa. Umucamanza yamwambitse izera mu nyuma yaranyurujwe n'abantu bambaye impuzu z'igiporisi, arakubagugwa. Haheze amezi yarungitswe gukorera ruguru mu gihugu hagati, kure y'igisagara ca Bujumbura.


XS
SM
MD
LG