Uko wahagera

Amatorwa y’Umukuru w’Umugambwe UPRONA


Abantu cumi nibo bahiganiye ikibanza co kurongora umugambwe Uprona. Ariko imbere y’uko ayo matora aba, batandatu bariyonjoroye, baca bigaburamwo imigwi yashigikiye abasigaye.

Umushingantahe Niyoyankana Bonaventure, niwe yatsindiye ikibanza c’umukuru w’umugambwe n’amajwi 571.

Inyuma y’amatora y’umukuru w’umugambwe, haciye haba amatora y’icegera ciwe. Muri bane bahiganiye ikibanza c’icegera c’umukuru w’umugambwe, babiri baravuyemwo hasigara babiri. Mur’abo babiri, umupfasoni Concillia Nibigira niwe yatowe n’amajwi 568.

Abatsinze n’abatsinzwe baciye bahabwa ijambo, bamwe bashikiriza imigambi bazorangura, abandi nabo bavuga ingene babonye ayo matora. Nivyo tugiye kwumva kuri mikro ya Eric Manirakiza.


XS
SM
MD
LG