Uko wahagera

Citizen, Radiyo-Televiziyo Nshasha mu Burundi


Radiyo-Televiziyo bita Citizen isanzwe ikorera mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika yemerewe gukorera mu Burundi. Vestine Nahimana, umukuru w'urwego rukuru rw'igihugu rujejwe kumenyesha amakuru mu Burundi, yaremereye radiyo-televiziyo yitwa Citizen ngo ikorere mu Burundi. Iyo radiyo-televiziyo y'abanya Kenya yari isanzwe ikorera mu bihugu vya Kenya, Urwanda na Tanzania, mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika.

Iyo radiyo-televiziyo ifise intumbero y'ubudandaji, ikazotanga amakuru ajanye no guteza imbere urudandazwa gusa. Izokoresha indimi zitatu: ikirundi, igiswahiri, n'icongereza. Amasezerano yemejwe n'umukuru w'urwego rw'iguhugu rujejwe kumenyesha amakuru n'umukuru wa radiyo-televizizo Citizen ategeka iyo radiyo-tereviziyo kwubahiriza amategeko agenga itangazamakru mu Burundi.

Iyo radiyo-televiziyo igiye gukorera mu Burundi inyuma y'aho Uburundi bwinjiriye burundu mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika, mu ntango z'ukwezi kw'indwi. Abanya Kenya, Abaganda n'Abanyarwanda bamaze kwerekana ari benshi ko bipfuza kuja gukorera ivy'ubudandaji mu Burundi.

Umukuru w'urwego rw'igihugu rujejwe gukwirikirana uburyo amakuru atangwa mu Burundi, yabari Ijwi rya Amerika ko igikorwa ca radiyo-televiziyo Citizen kizofasha cane abadandaza b'Abarundi mu guhanahana ibidanzazwa n'abandi badandaza bo mu bihugu vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika.


XS
SM
MD
LG