Uko wahagera

Abanyororo Umurengera mu Mabohero yo mu Burundi  


Ibitigiri vy'abanyororo ni umurengera mu mabohero yo mu Burundi, kandi babayeho nabi. Amabohero yose yo mu Burundi yagenewe kwakira abanyororo batarenga ibihumbi bine, ariko mur’iki gihe, yakira abanyororo bashika ibihumbi cumi na kimwe. Ivyo bitigiri bitangwa n'ishirahamwe ryitaho agateka k'abanyororo APRODH.

Umukuru w'ishirahamwe APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, yiganiye Ijwi rya Amerika ko ivyo bitigiri vy'umurengera biri mu bituma abanyororo bafatwa kenshi na kensi n'igwara z’ivyaduka zitandukanye. Umukuru wa APRODH atanga akarorero ku banyoro babiri bahitanywe n'ingwara itaramenyekana, mw’ibohero ryi Gitega, mu mpera z'indwi irangiye. Abarenga cumi nabo bakaba bakigwariye mu bitaro vyo mur'iyo ntara ya Gitega.

Ishirahamwe APRODH risigura ko kugira ngo ibitigiri vy'abanyororo bigabanuke, reta y’Uburundi itegerezwa gufata ingingo yo kurekura vy'agateganyo, abanyororo bigenza neza n'abamaze kumara ibice bibiri vya gatatu vy'umunyororo baciriwe. Pierre Claver Mbonimpa, umukuru wa APRODH asaba ko abapfunzwe boza bararengutswa imbere ya za sentare batamaze igihe kirekire mu mabohero. Kubera intambara yamaze igihe kirekire, n'ubukene bwatse indaro mu Burundi, akageso ko kwica, kwihanira no kwiba kagiye karakwira mu bantu.

XS
SM
MD
LG