Uko wahagera

Abigisha muri Kaminuza y'Uburundi Barahagaritse Akazi


Abigisha bo muri kaminuza y'Uburundi bahagaritse akazi kw’igenekerezo rya 27 z’ukwezi kw’indwi, basaba ko urubanza rwasomwe na sentare ica imanza z'akazi rwoshigwa mu ngiro. Urwo rubanza rwahaye abigishwa akarusho mu vyerekeye amafaranga bahembwa. Mw'itanganzo sendika yabo STUB yashize ahabona, vyanditse ko abo bigisha bahagaritse akazi mu kiringo c'indwi imwe gusa.

Iryo tangazo rivuga ko urwo rubanza rwasomwe mu mwaka w'i 2004 inyuma y'impari hagati ya reta n'abigisha bo mw’ishure kaminuza y’Uburundi. Ariko ngo reta nti yigeze irushira mu ngiro. Sentare ica imanza z'akazi iherutse kwandika isaba ko urwo rubanza rwasomwe rukurikizwa. Reta nti tomora neza amafaranga ategekanywa mu gushira mu ngiro urwo rubanza, ariko yisigura ivuga ko ivyashinzwe na sentare bitoroshe gushigwa mu ngiro, ugereranije n'uburyo reta ifise.

Sendika y'abigisha ba kaminuza itegekanya ko abigisha bakwiye kurangura ibikorwa bibayabaye bijanye n’imirimo y’ubushakashatsi, gukosora ibibazo, no gufasha abandika ibitabo vyo kurangiza amashure.

Abigisha benshi bo muri kaminuza y'Uburundi bashima kuja gukora muri za kaminuza z'ibindi bihugu nko mu Rwanda, aho bavuga ko umushahara batanga wisununuye kurusha uwo baronka mu Burundi.

XS
SM
MD
LG