Uko wahagera

Ikibazo c’Umutekano Muke mu Burundi


Naho intambara yahagaze mu Burundi,ibice bitari bike vy'igihugu biracarangwamwo umutekano muke. Ku wa mbere igenekerezo rya 13 ry’uku kwezi kw’indwi, imodoka y'ishirahamwe ry'abanyamerika “Village Health Works” yaguye mu mutego w'abantu bitwaje ibirwanisho, muri komine Vyanda, mu ntara ya Bururi, m’ubumanuko bw'igihugu,hanyuma umudereva yari atwaye iyo modoka aricwa.

Muganga Merino Ndayizigiye, umwe mubari mur’iyo modoka ariko yarokotse, avuga ko bari bavuye i Bujumbura, hanyuma bahagarikwa n’abantu bitwaje ibigwanisho, bageze mu micungararo y’ibitaro arongoye, mu karere ka Kigutu. Muganga Merino Ndayizigiye avuga ko bari bashitse ahantu hateye amakenga, mu karere karimwo imirima y’ibigazi n’imyumbati gusa, ata mazu ahari. Avuga kandi ko ata bapolisi canke abasirikare bajejwe gucungera umutekano bari mur’ako karere, kiretse abacunze ibitaro vya kigutu.

Ivyo bitaro vya Kigutu vyubatswe kandi bifashwa n’ishirahamwe ry’abanyamerika “Village Health Works”. Ngo hari n’abaganga bava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye kuvura mur’ivyo bitaro, kandi ku buntu.

Umutekano muke urarangwa kandi mu ntara ya Rumonge, aho umuntu ari kw’ipikipiki yaguye mu mutego w’abicanyi, no mu ntara ya Muyinga, aho umwarabu yarashwe n’abantu bataramenyekana. Izi nkuru tuzikesha umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, Eric Manirakiza.

XS
SM
MD
LG