Uko wahagera

Urugendo Rwa Prezida Obama Muri Ghana


Mw’ijambo Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashikirije inama nshingamateka y’igihugu ca Ghana, ku murwa mukuru, Accra, yabwiye abagize inama nshingamateka y’igihugu ca Ghana ko Demokrasi, kuronsa uburyo abanyagihugu, ivyerekeye amagara y’abantu n’ugutorera inyishu amatati ari ibintu bikomeye cane ku vyerekeye kazoza k’intara ya Afrika n’ibihugu biri mu nzira y’amajambere.

Muri Ghana, Prezida Obama yashikirije imigambi ya Reta yiwe imbere y’abashingamateka n’abandi banyacubahiro. Yarakoresheje amajambo akomeye mu kuvuga ku amatati mu karere ka Afrika, mu kuvuga ko ari intambamyi ikomeye ku vyerekeye iterambere muri Afrika. Yavuze ko kuzira umuntu kubera mudasangiye ubwoko canke idini ata kibanza bifise mu kinjana ca mirongo ibiri na rimwe. Prezida Obama yabwiye abariko baramwumviriza ko kazoza ka Afrika kari mu minwe y’abanya Afrika bonyene ubwabo.

Urugendo rwa Prezida Obama mu gihugu ca Ghana n’urugendo rwa mbere agize mu karere ka Afrika, musi y’ubugaragwa bwa Sahara kuva abaye umuprezida wa mbere w’umwirabure muri Amerika. Yamenyesheje ko yahisemwo igihugu ca Ghana kubera kirimwo demokrasi ikora neza kandi ko prezida w’ico gihugu, John Atta Mills adafata minenegwe ivyerekeye kugwanya ruswa.

Inyuma y’ijambo yashikirije imbere y’abashingamateka ku murwa mukuru w’igihugu ca Ghana, Accra, Prezida Obama yaragendeye ikibanza ca Cape Coast Castle, aho abanya Afrika barungitswe kugigwa abacakara mu kiringo kigera ku myaka amajana atatu. Umutambukanyi wa Prezida Obama, Michelle Obama akomoka ku banya Afrika bagizwe abacakara.

XS
SM
MD
LG