Uko wahagera

Amakenga y’Ishirahamwe CIVIC ku Matora yo mu 2010 mu Burundi  


Ishirahamwe CIVIC ryishinze kwigisha abanyagihugu uruhara bafise m'ubuzima bw'igihugu ryateye akamo abarundi bo ku mitumba yo hagati mu gihugu, ngo bazokwitabe amatora yo mu 2010. Iryo shirahamwe ryabasavye kandi kwima amatwi abazoshaka kubashira mu migumuko y’inyuma y'amatora. Iryo shirahamwe ryaratunganije ibikorwa vy'imisi ibiri, i Bujumbura, ibikorwa bizoha akaryo abatwara amakinga, imiduga, n’amapikipiki, hamwe n'abaserukira imigambwe, k’ukungene bashobora guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amatora.

Mw'ijambo umukuru w’ishirahamwe CIVIC, Therence Nahimana, yashikirije mu kwugurura ibikorwa vy’iryo shirahamwe, yabwiye abatumiwe ko abanyagihugu bategerezwa kwitaba amatora kugira ngo bitorere abategetsi bishimiye, hanyuma baronke intwaro bipfuza. Umukuru w’ishirahamwe CIVIC yavuze ko vyibonekeza ko inyungu z'abanyeporitike mu matora ari nyinshi, kandi ko ivyabaye inyuma y'amatora mu gihugu ca Kenya bishobora gushika no mu Burundi, mu gihe amashirahamwe y'abanyagihugu atotanga inyigisho zijanye no gushira imbere amahoro n'umutekano.

Abatumiwe mur'ivyo bikorwa vy'imisi ibiri bazoronswa inyigisho zerekana akamaro k'amatora, ingene atunganywa, inyifato ibereye ku munyagihugu, intwaro ibereye na demokarasi. Mu mezi atarenga indwi, bitegekanijwe ko abarundi bazokwitaba amatora y’inzego nshasha z'igihugu, harimwo n'amatora y'umukuru w'igihugu. Umwaka umwe imbere y'ayo matora, imigambwe yitwa ko ikomeye, kandi ishobora guhangana mu matora, isa n'iyatanguye gushamiranira. Imigambwe itavuga rumwe na reta yagiriza umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi ko uburabuza ibikorwa vy'iyindi migambwe mu kuyibuza gutunganya inama.

XS
SM
MD
LG