Uko wahagera

Abandi Bana Babiri Barahonyanzwe n'Abagwanira Imisegetera


Abana babiri barishwe bahonyanzwe n'abakenyezi bariko bagwanira imisegetera. Ku musi gira gatatu w'isekeza ryo gucandagisha abana, abajejwe intwaro n'ubuvuzi mu ntara ya Ruyigi, m’ubuseruko bw'Uburundi batangaje ko abana babiri bapfuye bahonyanzwe n'abagore baniganira imisegetera. Abajejwe gukurikirana ivyerekeye iryo sekeza baremeza ko abavyeyi bitaba iryo sekeza ari benshi.

Abana bitavye Imana bari mu migongo y'abavyeyi babo, hanyuma insimbizo zirakenyuruka, abana bakorokera hasi, abagore bari ku mirongo bagwanira imisegetera barabahonyanga gushika bapfe. Abatunganije iryo sekeza bavuga ko n'aho abavyeyi bitaba ari benshi, icibonekeza n’uko igice kinini c'abo bakenyezi bakurikirana kuronka imisegetera kuruta kurondera imiti y’abana.

Kuva isekeza ryo gucandagisha abana ritanguye ku musi wa mbere, igenekerezo rya 22 ukwezi kwa gatandatu, abana batatu nibo bamaze kwitaba Imana, bahonyanzwe n'abavyeyi bitavye iryo sekeza. Mu makomine menshi y’Uburundi, abanyagihugu bagiriza abarongoye amakomine ko batangisha amafaranga ibihumbi bibiri, kugira ngo umuntu ashobore kuronka imisegetera itatu itegekanirijwe umuryango umw’umwe. Ingwara ya Malariya iri mu ngwara zica abantu benshi mu Burundi. Imisegetera nayo iri mu bintu reta ihimiriza mu kugwanya iyo ngwara. Ku masoko, iyo misegetera igurwa amafaranga arenga ibihumbi bibiri, mu gihe abakurikirana ivy'ubutunzi bw’igihugu bavuga ko mu Burundi ayo mafaranga aronkwa n’imiryango mike ku mwaka, kandi bigoranye.


XS
SM
MD
LG