Uko wahagera

Isanganya Ryaturutse ku Misegetera mu Burundi


Umwana yarishwe mu misunikano y'abantu bariko baraniganira imisegetera mu buraruko bw'Uburundi. Abajejwe intwaro n'ubuvuzi mu ntara ya Muyinga iri mu buraruko bw'Uburundi, bemeje ko hari umwana w'umwaka umwe yapfuye, ahonyanzwe n'abagore bariko baniganira imisegetera. Umugore yarafise uwo mwana yasunitswe n'abandi ari hagati, umwana aca arakoroka abandi babandanya bamuhonyanga. Umwana yashitse kwa muganga yamaze kwitaba Imana.

Abantu bari ku bitaro vy'i Muyinga ahabereye iryo sanganya, bavuga ko abagore barenga amajana abiri bari bitavye isekeza ryo gucandagisha abana bafise kuva ku myaka itanu gushika ku myaka cumi n'ine. Mur'iryo sekeza ryatanguye mu ntara indwi kuri cumi n'indwi zigize Uburundi, hategekanije gutangwa: incanco z'abana zo kubakingira agasama, ibinini bikingira abana inzoka zo mu nda, no gutanga k'ubuntu imisegetera ikingira imibu itera ingwara ya Malariya.

Mu Burundi raporo zo mu bushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y’abantu zivuga ko Malariya iri mu ngwara zica abantu benshi. Abarongoye intwaro mu gihugu bavuga ko mu bagwaye bari ku musego, usanga ibice birenga mirongo indwi kw'ijana bagwaye Marariya. Reta, Iri sekeza rije rikurikira ayandi masekeza yaramaze kuba. Reta ihanura abantu kukoresha umusegetera. Mu ndwi yahariwe isekeza ryo gutanga imisegetera, umuryango wose uzohambwa imisegetera itatu k'ubuntu. Ubukene mu miryango butuma abantu badashobora kuronka imisegetera ikwiye, kuko ku masoko igiciro c'umusegetera gishika ku madorari abiri. Ikoreshwa ry'umusegetera nti ryoroshe cane cane ku bantu baba mu nzu z’utururi zitagutse.

XS
SM
MD
LG