Uko wahagera

Hussein Radjabu Yaciriwe Imyaka Cumi n’Itatu y’Umunyororo


Uwahoze atwara umugambwe CNDD-FDD, Hussein Radjabu, yaciriwe gupfungwa umunyororo w'imyaka cumi n'itatu. Igisata co kwungururizamwo imanza muri Sentare Nkuru y'Uburundi casomeye, Hussein Radjabu, yahoze ari umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, uri k'ubutegetsi mu Burundi, urubanza rwo gupfungwa imyaka cumi n'itatu.

Abandi batandatu bagirizwa icaha kimwe co gushaka gutembagaza inzego z’igihugu, guhungabanya umutekano, no kugumura abanyagihugu ngo bagararize ubutegetsi, baciriwe hagati y'imyaka itanu n’imyaka cumi. Urubanza rwasomwe rwari rumaze amezi abiri mu mwiherero. Mu kwezi kwa kane kw'umwaka uheze, igisata ca mbere ca Sentare Nkuru y’igihugu, cari caciriye Hussein Radjabu ico gihano c'umunyororo w'imyaka cumi n'itatu.

Uwuburanira Hussein Radjabu, Umushingwamanza Prosper Niyoyankana yabwiye Ijwi rya Amerika ko atashimye urubanza, aakaba agiye kwungururiza muri Sentare Gasamburamanza. Ariko avuga ko ata cizere kinini afise. Prosper Niyoyankana yabandanije avuga ko uwo aburanira apfungiwe ivya poritike, akavuga ko aho gusoma amategeko abacamanza ngo bashikiriza ivyo ubutegetsi bushaka. Uwuburanira Hussein Radjabu amenyesha mbere ko afise impungenge z'uko Hussein Radjabu ashobora kugandagurwa.

Hussein Radjabu amaze imyaka ibiri mw'ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Yatangura gukurikiranwa inyuma y'aho akuwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu kibanza co kurongora umugambwe nawe akanka. Abashingamateka mirongo ibiri bamushigikiye mu kwanka iyo ngingo yafatiwe mu nama nkuru y'umugambwe i Ngozi barakuwe mu namanshingamateka.

XS
SM
MD
LG