Uko wahagera

Inama Nshingamateka y'Ishirahamwe EAC i Bujumbura


Inama nshingamateka y'ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika ikoraniye ku mugwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura. Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, yatanguje ibikorwa vy’iyo nama izomara indwi zibiri, kw’igenekerezo rya 19 ry’uku kwezi kwa gatanu. Iyo nama ikoranije abashingamateka bashika mirongo itandatu baturuka mu bihugu bigize ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu kararere ko m’ubuseruko bwa Afrika.

Mw'ijambo Perezida Nkurunziza yashikirije, yarashimye intererano yatanzwe n’ibihugu bigize ishirahamwe Est African Community, mu mugambi wo kugarukana amahoro mu Burundi, aca yiyemeza kubandanya guhindura amategeko n'inzego kugira ngo Uburundi bwinjire burundu mur'iryo shirahamwe. Perezida w'Uburundi yabariye abo bashingamateka ko kuja hamwe mw’ishirahamwe EAC bizofasha ibihugu vy’Ubuganda, Urwanda, Kenya, Tanzania n'Uburundi gushika kw'iterambere rirama.

Umushingamateka Abdi Abdillahin arongoye Inamanshingamateka y'ibihubu bigize iryo shirahamwe, ku ruhande rwiwe yarakeje Abarundi ku ntambwe bagezeko mu mugambi wo kugarukana amahoro, yongera ashima ingene umuhari FNL uherutse gushira ibigwanisho hasi, ukemera kwifatanya n’iyindi migambwe mu mahiganwa ya Politike. Abdi Abdillahin yarashimiye umukuru w'igihugu ku ngingo yafashe zo kwigisha abana ku buntu no kuvuza abakenyezi bibungenze n'abana bari misi y'imyaka itanu ataco basabwe. Ariko uwo mushingamateka yasavye Uburundi kwitwararika kuruta ibibazo vyerekeye abakenyezi, abana, na bantahonikora.

Mu ndwi zibiri iyo namanshingamateka izomara, izoshimikira ku gikorwa co gutororokanya amafaranga azokoreshwa mu mwaka w'i 2009 ushira uw'i 2010. Mu mafaranga akoreshwa n’iryo shirahamwe, igihugu cose gitegerezwa gutanga, uko umwaka utashe, imiriyoni zine n'amajana indwi z'amadorari y'Abanyamerika. Ariko mu mwaka uheze ibindi bihugu bigize iryo shirahamwe vyarafashije Uburundi gutanga intererano ico gihugu categerezwa gutangwa.

Mu ndwi zibiri iyo nama izomara, bitegekanijwe kandi ko abo bashingamateka bazokurikirana ibigariro bijanye n'ubuzima bw'igihugu c’Uburundi, bongere batembere mu gihugu hagati, kugira ngo bibonere ubwabo ubwiza bw'Uburundi n'ingorane abanyagihugu bafise. Ibihugu bigize ishirahamwe EAC bitegekanya guhinduka bikaba igihugu kimwe mu mwaka wi 2015.

XS
SM
MD
LG