Uko wahagera

Imfashanyo ku Vyerekeye SIDA mu Gisoda c'Uburundi


Reta Nzunze Ubumwe za Amerika zishinze kugwanya SIDA mu gwego gwa gisirikare mu Burundi. Umupfasoni Patricia Moller aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi aherutse gutanguza ibikogwa vyo kwubaka ikigo kijejwe kugwanya Sida mu basirikare n'imiryango yabo. Ico kigo kigiye kwubakwa muri komine Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Iyo komine iri mu makomine ya mbere abasirikare batembereramwo barondera abagore baryamana babanje kubariha.

Ico kigo kizokwubakwa n'amadorari y'abanyamerika ibihumbi amajana atatu na mirongo ibiri, azotangwa n'ikigega c'umugambi ujejwe kugwanya ikiza SIDA, mu biro bijejwe kwivuna abansi, muri reta Zunze Ubumwe za Amerika. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu Burundi yarashimye iyo mfashanyo mu kwemeza ko uwo mugambi uzofasha kugwanya SIDA, kandi ko abasirikare bari basanzwe bari mu migwi ibangamiwe n’ingwara ya SIDA.

Ibikogwa bitegekanijwe kurangurirwa mur'ico kigo bijanye no gupima sida abasirikare n'imiryango yabo, kwumviriza abagwaye, kubaronsa impanuro no kubavura. Ico kigo kizoba gisife inyubakwa ibikwamwo imiti n'inyubakwa itangirwamwo inyigisho zijanye no kugwanya ikiza sida.

XS
SM
MD
LG