Uko wahagera

Icegera c'Umukuru w'Ishirahamwe ULUCOME Yaragandaguwe


Icegera c'Umukuru w'Ishirahamwe ULUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatatungo ya reta mu Burundi yagandaguwe mw'ijoro ryo ku wa gatatu buca ari ku musi wa kane kw’igenekerezo ry’icenda ukwezi kwa kane. Abamwishe ntibarashobora kumenyekana. Ishirahamwe OlUCOME Ryari rimaze kuronka inzandiko ziterabwoba.

Urwego rw'igiporisi rutangaza ko abagandaguye icegera c'umukuru wa OLUCOME bataramenyekana, ariko bakemeza ko amatohoza ariko arabandanya. Ikiziga ca Ernest Manirumva yagira kabiri mw’ishirahawe OLUCOME, ishirahamwe ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, catowe imbere y'aho yari asanzwe aba, muri Mutanga Sud mu gisagara ca Bujumbura. Biboneka ko yacumiswe imbugita nyinshi ku mutwe no kw'izosi.

Abaporisi, abobakorana muri OLUCOME, n'abamenyeshamakuru binjiye mu nzu yabamwo, bavuze ko basanze impapuro nyishi zuzuyeko amaraso zikwiragiye hirya no hino. Mu bureau yakoreramwo, naho nyene basanze ariko bimeze. Ababanyi bihwe muri Mutanga Sud bavuga ko bumvise ibintu bidasanzwe harimwo n’induru, igihe c'isaha indwi z'ijoro, ariko ngo nti bashoboye kuja ahabona. Umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME, Richard Ntawe, yavuze ko bama baronse inzandiko zibatera ubwoba ariko ziterekana abazanditse.

Raporo y’ishirahamwe OLUCOME y'umwaka w'i 2008 ivuga ko amafaranga imiriyaridi mirongo ibiri na zine z'amarundi yishuwe biciye mu kuriha incuro nyinshi ku biciro vy'umurengera ibiba vyasabwe mu buzi butandukanye bwa reta, harimwo n’inzego z'igisoda n'igiporisi. Iyo raporo iravuga uruhara rw'abategetsi n'abadandaza bamwe bamwe.

OLUCOME iranebagura n'uburyo amasoko atangwa mu nzego za reta. Urwandiko OLUCOME iherutse gushikiriza abamenyeshamakuru mu ntango z'uku kwezi, ruvuga ko umugambwe uri k'ubutegetsi CNDD-FDD wakoresheje mw'ikoraniro kaminuza ryo mu mpera y'ukwezi kwa gatatu, imiduga ya reta irenga ijana na cumi n'icenda. OLUCOME ikavuga ko biteye kubiri n'amategeko, kandi ko ari ugusesagura amatungo ya reta. Ernest Manirumva yagandaguwe aherutse kugenwa ngo aserukire OLUCOME mu rwego rwigenga rucungera itangwa ry'amasoko mu gihugu, rugizwe n'abaserukira amashirahamwe yigenga hamwe n'abava muri reta.


XS
SM
MD
LG