Uko wahagera

OLUCOME Iranegura ikoreshwa ry'Imiduga ya Reta mw'Ikoraniro rya CNDD FDD...


Umumukuru w'ishirahamwe ryinshinze kugwanya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta(OLUCOME) Gabriel Rufyiri aranegura uburyo imiduga ya reta yakoreshejwe mw'ikoraniro ry'umugambwe CNDD FDD ku w'Imana mu Kayanza.

Umukuru wa OLUCOME yabwiye abamenyeshamakuru kur'uwu wa mbere ko ishirahamwe arongoye ryashoboye kubona imiduga ijana n'icenda ya reta yakoreshejwe mw'ikoraniro kaminuza rya CNDD FDD. Gabriel Rfyiri avuga ko imiduga yose ya reta yakoze mur'iyo koraniro ishobora kuba irenga kure kandi ngo reta yarahahombeye amafaranga menshi naho OLUCOME itarayaharura neza. OLUCOME isigura ko ikoreshwa ry'imiduga ya reta mu kazi k'umuntu canke umugambwe biteye kubiri n'ibiranga intwaro ibereye.

OLUCOME imenyesha kandi ko uretse imiduga ipfa n'igitoro, abashoferi bazo bahabwa amafaranga co kimwe n'ababategetsi bitaba iryo koraniro biyandikira amafaranga(frais de mission) atakazi ka reta barimwo.
XS
SM
MD
LG