Uko wahagera

Abaforoma Basanze Abaganga mw'Ihagarikwa ry'akazi


Abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA bitavye kur'uwu wa mbere akamo batewe n'ababaserukira ko guhagarika akazi mu kiringo kidatomoye. Akazi ntikakozwe mu mavuriro n'ibitaro vya reta.

Mu bitaro Roi Khaled na Prince Regent Charles vyakira abagwayi benshi bafise uburyo bubayabaye bo mu gisagara ca Bujumbura, abaforoma bambaye umwambaro wabo twasanze bicaye ku ntebe zahora zicarako abagwaye. Abantu baza kwivuza basubirana agashavu kenshi, abo twavuganye basaba erata gutorera umuti ingorane y'abaganga n'abaforoma mu kubaha agashahara kisununuye.

Abagwayi bari ku musego mu bitaro ntibavugwa kandi ntibashobora kuronswa impapuro zogusohoka kugira ngo bashobore kuza kwivuza ku baganga bigenga. Abajejwe intwaro n'ubuvuzi mu ntara za Gitega na Cibitoke babwiye Ijwi rya Amerika ko akazi kabayabaye gategerezwa gukorwa no mu gihe c'ihagarikwa ry'akazi katakozwe.

Abaganga b'abanyamahanga bipfuza gukora ntibashoboye kurangura imirimo yabo kubera ko abaforoma basigura ivyo abagwayi bavuga batariko barakora. Abaforoma basanze abaganga bamaze indwi irenga bahagaritse akazi bose basaba kuronswa umushara wisununuye. Umuforoma atangye afata musi y'idorari mirongo itanu, umuganga nawe atanguye akazi agafata amafaranga ari musi y'idorari ijana.

Ihagarikwa ry'akazi mu mavuriro n'ibitaro vya reta bituma amavuriro n'ibitaro vy'abigenga bironka abantu benshi, ikigega kikahabombokera. Abantu batagira amafaranga yo kwivuza ku bigenga biyandikira imiti bakagura iyo bashatse, bakayinywa uko bashatse.
XS
SM
MD
LG