Uko wahagera

Umukuru w'Umutumba ari muri CNDD FDD yishwe...


Umukuru w'umutumba w'ahitwa Rutoke muri zone Mungwa, komine Gitega, hagati mu gihugu yishwe kur'uwu wa gatandatu n'abantu bataramenyekana bitwaje ibigwanisho ariko abantu babiri bikerwa bari mu minwe y'abaporisi. Abajejwe intwaro n'urwego rw'igiporisi batanga inkuru bemeza ko amatohoza ariko agenda neza.

Uwo yishwe yari umunywanyi w'umugambwe CNDD FDD uri k'ubutegetsi. Mw'ijoro ariko asangira n'abandi agacumpa niho abantu bitwaje ibigwanisho bambaye impzu za gisirikare binjira mu bunywero basaba abantu bose kuryama hasi baca barasa uwo mukuru w'umutumba mu nyuma bahunga bagana mw'ishamba ryari hafi atawubamenye.

Mur'iyi ndwi nyene irangiye umunywanyi w'umugambwe CNDD FDD, ari mu batwara umugambwe ku mitumba mu ntara ya Bujumbura rirare yarishwe n'abantu bataramenyekana. Abajejwe igiporisi batangaje ko bari mu matohozwa. Ubwo bwicanyi buriko bukorwa inyuma y'aho utuzu tw'umugambwe CNDD FDD dutuririwe mu ntara zitandukanye. Abaturira utwo tuzu n'ubu ntibaramenyekana kuko bikinga ijoro mu gihugu hagati hatagira amatara.

XS
SM
MD
LG