Uko wahagera

Abahuza Bananiwe Kwumvikanisha Reta n'Abaganga...


Abahuza Sylvestre Ntibantunganya na Jean Marie Vianney Kavumbagugu ntishoye kumvikanisha reta y'Uburundi n'abaganga inyuma y'igikorwa cari kimaze hafi amezi abiri nk'uko vyumvikana mu majambo yakoreshejwe n'umwe mu bahuza Sylvestre Ntibantunganya mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera y'indwi.

Imbere y'abamenyeshamakuru bareta n'abigenga mu kiganiro caremeshejwe n'abahuza mu biganiro bihuza reta n'abaganga ku kibazo c'iduzwa ry'imishahara, Sylvestre Ntibantunganya yatangaje ko impande zose zitashoboye kumvikana inyuma y'igikorwa camaze imisi mirongo itandatu. Abaganga bavuga ko ivyo basaba bitegerezwa kuboneka, umuganga agahembwa agashahara kisununuye gashika ku madorari amajana atatu. ku bwa reta ivyo abaganga basaba ni amananiza kubera ko bisaba reta kurondera imiriyaridi mirongo irindwi na zitanu ziyonera ku mafaranga agenewe imishahara mu 2009.

Umwe mu bahuza Sylvestre Ntibantunganya asigura nawe nyene ko ayo mafaranga y'imiriyaridi mirongo irindwi na zitanu ari menshi akayagereranya n'amafranga yose agenewe abakozi ba reta mu mwaka w'i 2009 ati"ni igice c'amafaranga yohemba abakozi bose ni ibintu bidashoboka". Mu kiganiro muganga Pierre Claver Hajayandi aserukira abaganga yahaye abamenyeshamakuru kur'uwu wa gatandatu yagiriije Ntibantunganya gushigikira reta mu biganiro aca atangaza ko abaganga bagiye kubandanya ihagarikwa ry'akazi ryari rimaze imisi ine mu kiringo kirekire gushika reta yemeye ivyo bayisaba. Uwuserukira reta mu biganiro yasiguye ko ku miriyaridi icenda bemeye guha abaganga bashobora kongerako imiriyaridi zitanu gusa.

Kur'uwu musi wa mbere igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatatu 2009 igisata c'ubuvuzi cose kigiye gusa n'ikidakora kuko abaforoma nabo nyene bari bamaze imisi bagabisha bagiye guhagarika akazi. Abaforoma nabo nyene basaba kongerezwa agashahara.
XS
SM
MD
LG