Uko wahagera

Ikigega c’Ishirahamwe CONFEJES Congerejwe



Abashikiranganji bajejwe urwaruka n'inkino mu bihugu bikoresha ururimi rw’Igifaransa bararangije ibikorwa vy’inama yamaze imisi ibiri, kw’igenekerezo rya 24 ry’uku kwezi kwa gatatu. Itangazo ryasozereye ibikorwa vy’iyo nama yabereye i Bujumbura ku mugwa mukuru w'Uburundi rimenyesha ko hapfunditswe ingingo y’uko ikigega c’ishirahamwe CONFEJES rijejwe umugambi wo guteza imbere urwaruka congerejwe imiriyoni amajana atanu y’amadolari y’abanyamerika. Ayo mahera azokwiyongera ku yari asanzwe akoreshwa, azotangwa n’ibihugu vya Canada n'Ububirigi vyemeye kwongereza imfashanyo vyahora bitanga.

Iryo tangazo rivuga kandi ko abitavye iyo nama biyemeje kugwanya bivuye inyuma ibiboreza n'ibiyayura umutwe, bikoreshwa rimwe na rimwe mu mahiganwa mpuzamakungu. Iryo tangaza rirongera rigahimiriza za reta ngo zemeze itegeko mpuzamakungu ribuza ivyo bintu mu mahiganwa.

Inama nkuru y'abashikiranganji bajejwe urwaruka n'inkino mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, yitabwe n’abantu baserukiye ibihugu mirongo ine na bibiri, yemeje imigambi igiye kurangurwa mu myaka ibiri iri imbere.

Abaserukira urwaruka bitayeho iterambere ryarwo kurusha abandi, barahawe udushimwe. Abaronse utwo dushimwe n’abavuye mu bihugu vya Tchad, Benin na Cameroun. Paul Assocle, aturuka mu gihugu ca Benin, akaba ari mu baronse udushimwe, yabariye Ijwi rya Amerika ko reta y’igihugu ciwe yitwararika cane urwaruka, naho ifise ingorane z'ubukene itaratorera umuti.

Umushikiranganji ajejwe urwaruka n'inkino mu Burundi, umushingantahe Jean Jacques Nyenimigabo, niwe yagenywe ngo arongore, uyu mwaka, inama nshingwabikorwa y'ishirahamwe CONFEJES . Umushikiranganji Jean Jacques Nyenimigabo yabariye abamenyeshamakuru ko aronse akaryo ko gushigikira kuruta imigambi y'urwaruka mu Burundi. Urwaruka rw'Uburundi rufise ingorane zikomeye z’ubukene buterwa no kubura akazi. Raporo z’abajejwe intwaro n’imigambi y'indero mu ntara zitandukanye, zitangaza ko ibitigiri vy'abana baheba amashure kubera inzara bitera vyiyongera.

XS
SM
MD
LG