Uko wahagera

Abaganga mu Myiyerekano yo Guhagarika Akazi


Kuva uyu mwaka utangura, abaganga bo mu Burundi bamaze guhagarika akazi incuro kabiri. Bavuga ko imyiyerekano barimwo ari iyo gusaba ko leta yobahemba umushahara ukwiranye n’ivyirwa bize hamwe n’akazi barangura.

Muganga Willy Gatore avugira sendika y’abaganga, asigura iyo myiyerekano avuga ko leta isa n’iyabibagiye, kandi aribo bakora akazi kagoye.

Abagwayi bavuga ko abaganga batakiboneka nk’uko vyahora, mu gihe ingorane zabo ziguma ziyongera. Abari mu bitaro baravugwa n’abaforoma, ariko ngo abaja kwivuza bava hanze basubira inyuma uko baje.

Leta ntaco iravuga kur’iyo myiyerekano y’abaganga bahagaritse akazi, ariko ikibabaje ngo n’uko, kubera imishahara y’intica ntikize, abaganga bo mu Burundi baheze baja gukora mu mahanga.
Izindi nsiguro ku buryo buramvuye, twumve Eric Manirakiza yakurikiranye iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG