Uko wahagera

Isekeza ryo Gutera Ivyamwa mu Burundi 


Umukuru w'igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, amaze imisi mw'isekeza ryo gutera ivyamwa mu ntara ya Gitega, aho yatangaje ko imbere y'impera z'ukwezi kwa kane hazoba hamaze guterwa, mu gihugu cose, ibiti vy’ivyamwa imiriyoni mirongo ibiri na zine.

Perezida Nkurunziza asigura ko uwo mugambi uzofasha mu kugwiza umwimbu no kugwanya inzara mu Burundi. Mur'ico gikorwa, Perezida Nkurunziza aba ari kumwe n'abanyeshure, abarongoye amashirahamwe yitaho ibidukikije, abahoze ku rugamba, n'abanyagihugu basanzwe. Imyumbati, ibitoke, amavoka n'ibindi, biri mu bitegwa umukuru w'igihugu yitwararika.

Igihugu ca Misiri ngo nico cemeye kuzoshorera Uburundi igihe ivyo vyamwa bizoba vyeze. Perezida Nkurunziza aremeza ko igikorwa ariko arakora kizotuma amafaranga y'agaciro yinjira mu gihugu, ari naco gituma ahimiriza abajejwe intwaro n'abarundi bose ngo bashigikire uwo mugambi.

Abatavuga rumwe na Perezida Nkurunziza babona ko ari mu myiyamamazo y'amatora ategekanywa mu mwaka wi 2010. Kandi ngo ivyo biteye kubiri n'amategeko agenga amatora. Mur'uku kwezi niho bitegekanijwe ko umugambwe uri k’ubutegetsi utegerezwa gushikiriza uwuzowuserukira mur'ayo matora. Inkuru ziva mu mugambwe CNDD-FDD zitangwa n'abawegereye ariko badashima kuvugwa amazina, zivuga ko mu mugambwe hariho imigwi ibiri, uwushigikiye Perezida Nkurunziza n'uwundi utamushigikiye.

XS
SM
MD
LG