Uko wahagera

Urupfu rw’Umupfasoni Alison Des Forges


Umupfasoni Alison Des Forges aherutse kugwa mw’isanganya ry’indege yakorotse ku musi wa kane uheze, mu ntara ya New York, muri Reta Zunze ubumwe za Amerika.

Alison Des Forges yari umuntu akomeye mu vyerekeye guharanira agateka ka muntu. Yari amaze imyaka ishika hafi 20 akorera ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, mu gisata gikurikirana ibibazo vya Afrika. N’umuntu yakurikirana ibibazo vyo mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika, kandi yari umwe mu bahinga bazi ivyerekeye ihonyabwoko ryabaye mu gihugu c’Urwanda.

Umupfasoni Alison Des Forges yarabaye icabona mu manza 11 ku vyerekeye jenocide yo mu Rwanda, zabereye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku Rwanda. Yaranditse n’igitabo kw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda, “Leave None to Tell the Story”, igitabo caronse agashimwe mpuzamakungu.

Umuyobozi w’ishirahamwe Human Rights Watch yatangaje ko urupfu rw’umupfasoni Alison Des Forges ari agahombo gakomeye ku bantu bo mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika muri rusangi no ku banya Rwanda vy’umwihariko. Alison Des Forges apfuye afise imyaka 66 y’amavuko. Asize umugabo wiwe n’abana babiri.

Tuzogerageza kuza turabashikiriza ivyiyumviro vy’abantu bari basanzwe bamuzi

XS
SM
MD
LG