Uko wahagera

Kunywanisha Urwaruka kuri Radiyo Ijwi rya Amerika


Radiyo Ijwi rya Amerika irafise uruhara mu mugambi wo kunywanisha urwaruka rw’Uburundi ruherutse guhunguka n’urwari ruasanzwe hagati mu gihugu. Radiyo Ijwi rya Amerika irangura uwo mugambi mu gutunganya rimwe mu mwaka, inkino z’umupira w’amaguru, zihuza urwaruka rwo mu ntara z’Uburundi zitandukanye.

Haheze imyaka itatu Radiyo Ijwi rya Amerika itanguye uwo mugambi. Mu mwaka wa mbere inkino zabereye mu ntara ya Ngozi. Mu mwaka ukurikira, ariho mu mwaka uheze, zabereye mu ntara ya Makamba. None uyu mwaka, mu ndwi iheze, izo nkino zahuje urwaruka rwo mu ntara ya Ruyigi, m’umupira w’akataraboneka.

Frederic Nkundikije , umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika yagiye mu Burundi gukurikirana izo nkino yarashoboye kuganira n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, amubwira ingene abona urwo ruhara rw’Ijwi rya Amerika mu mugambi wo kuywanisha urwaruka rw’Uburundi. Twumve ico kiganiro k’uburyo buramvuye:

XS
SM
MD
LG