Uko wahagera

Itangazamakuru mu Burundi Riranebagurwa


Urwego CNC rujejwe gukurikirana ivyerekeye itangazamakuru mu Burundi ruranebagura uburyo amakuru yatanzwe. Raporo yasohowe n'urwego rw'igihugu rujejwe gukurikirana uburyo amakuru atangwa CNC ruranegura uburyo amaradiyo n'ibinyamakuru vyatanze inkuru mu kwezi kwa mbere kurangiye.

Iyo raporo nti doma urutoke ku kinyamakuru canke iradiyo nimwe, ariko Vestine Nahimana atwara urwo rwego yavuze ko amakosa yagiye ariyerekana ku bamenyeshamakuru bamwe bamwe. Agasaba rero kugeguza mu gutanga inkuru. Avuga ko kudatohoza neza, kutabaza impande zose zegwa n'inkuru, hamwe no kutubahiriza ubwigenge bw'ikiremwa muntu, kwinjirira abantu mu vyerekeye ubuzima bwabo atari vyiza. Umukuru w’urwego CNC yasavye abamenyeshamakuru kwubahiriza amategeko.

Umumenyeshamakuru Jean Claude Kavumbagu agiye kumara amezi atanu mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura. Uwo mumenyeshamakuru yari asanzwe arongoye ikinyamakuru Net Press, akurikiranwa ku nkuru yatanze, yerekeye amafaranga umukuru w'igihugu yatwaye mu rugendo yagize mu gihugu c’Ubushinwa, igihe cariko kiberamwo inkino zo kunonora imitsi. Urubanza rwiwe rwagiye mu mw'iherero ku wa mbere igenekerezo rya cenda mur’uku kwezi turimwo.

XS
SM
MD
LG