Uko wahagera

Ikibazo c’Impapuro Ziranga Ababa mu Burundi


Abaporisi bazindutse bugarije kartiye ya Buyenzi iri mu gisagra ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 26 ukwez kwa mbere, umwaka wi 2009. Inyuma y'igikorwa co gusaka, hafashwe abantu amajana abiri na mirongo ine.

Mu bafashwe batagira ibibaranga, harimwo abarundi, abanyarwanda, abanye Congo, abanya Tanzaniya n'abanya Buganda badafise impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Imiduga y'amakamyo yari irindiriye ku kibuga c'umupira w'amaguru, aho abo bantu begeranirijwe imbere yo kurungikwa mu bihugu baje bavamwo.

Umusirikare w'umunya Afrika y'Epfo yari yaraye ku mukenyezi aho mu Buyenzi, nawe nyene yari mubafashwe. Mur'ico gikorwa kandi, abaporisi barafashe umusuma w'imiduga n'amapikipiki yari amaze imisi aronderwa. Uwo musore w'imyaka hafi mirongo itatu yafatwanywe inkoho.

Abapolisi bari bamaze indwi zitatu bijukiye igikorwa co guhiga impapuro abanyamahanga batagira ibibaranga. Abarongoye urwego rw'igiporisi basigura ko mu basuma bafatwa harimwo abanyamahanga benshi cane, ariko nti batanga ibitigiri. Abajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu baranegura uburyo ico gikorwa kiriko kirarangurwa. Nka Ligue Iteka ivuga ko abanyamahanga bafatwa baca burungikwa iyo bavuye, batabanje kwumvirizwa ngo umuntu amenye impavu zatumye bahunga.


XS
SM
MD
LG