Uko wahagera

Ibiciro vy'Ibidandazwa mu Burundi


Reta y’Uburundi iherutse kuduza ibiciro vy'ibinyobwa, ibitoro n'isukari. Ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bwafashe ingingo yo kuduza ibiciro vy'ibitoro. Kuva kw’igenekerezo rya gatandatu ukwezi kwa mbere, mu mwaka wi 2009, amazutu yadugijwe amafaranga ijana na mirongo itandatu. Iritiro igiye kuzogurwa amafaranga igihumbi n'amajana atandatu na mirongo itandatu. Ipeterori ryadugijwe amafaranga ijana na mirongo indwi; iritiro rigiye kuzogurwa amafaranga igihumbi n'amajana atanu na mirongo indwi.

Reta y'Uburundi yafashe kandi ingingo yo kuduza igiciro c'isukari. Ikiro cahora kigurwa amafaranga igihumbi n'amajana abiri na mirongo itanu, kigiye kuzogurwa amafaranga igihumbi n'amajana atanu. Insiguro zitangwa ngo n'uko reta iherutse kuduza amafaranga izokoresha mu mwaka w'i 2009, igategerezwa rero kuyarondera mu bidandazwa bimwe bimwe bicuruzwa mu gihugu hagati. Ibiciro vy'ibinyobwa BRARUDI navyo nyene vyadugijwe amafaranga ijana kw'icupa.

Iduzwa ry'ibiciro vy'ibitoro n'ibinyobwa vyama bituma ibindi bicuruzwa vyo ku masoko biduzwa ibiciro. Ishirahamwe rihurikiyemwo abaguzi bo mu Burundi ABUCO, rivuga ko umunyagihugu, cane cane umukozi wa reta, agiye kugira ingorane. Pierre Nduwayo, umuvugizi w’ishirahamwe ABUCO yavuze ko uku kwezi kwa mbere kuzoba ukwezi kw’amakuba.

Mu zindi ngingo zerekeye ibiciro, reta yagabanuye amafaranga mirongo itatu kw'iritiro ry'ibitoro bita esansi. Ubu iritiro rigurwa amafaranga igihumbi n'amajana atandatu na mirongo indwi. Ariko abakoresha imiduga barabandanya kwidoga, bavuga ko ayo mafaranga aguma ari menshi, ugereranije n'ibiciro vy'ibitoro ku masoko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG