Uko wahagera

Izina Palipehutu-FNL Rigiye Guhindurwa


Abanywanyi b'umuhari Palipehutu-FNL baremeye guhindura izina. Kw’igenekerezo rya 4 ukwezi kwa mbere, abarongoye uwo muhari barakwiye mu ntara zose z'igihugu, basigurira abanywanyi b’uwo muhari ko bategetswe guhindura izina. Umusi ukurikira, batahutse bavuga ko bashimishijwe n'ingene igikorwa cagenze. Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL asigura ko abanywanyi b’umuhari bahaye uburenganzira abawurongoye bwo guhindura izina.

Uwo muvugizi w’umuhari Palipehutu-FNL avuga kandi ko urwego rw'igiporisi rwafashije cane mur'ico gikorwa cahuje abanywanyi benshi bo mu gihugu hagati, mu ntara zitanu zitandukanye arizo Muyinga, Ngozi, Bujumbura Rurare, Gitege na Rutana. Ubutumwa bwashikirijwe bwari bwerekeye ingingo y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini bahuriye i Bujumbura kw'igenekerezo rya kane Kigarama, aho bategetse umuhari wa Rwasa Agathon guhindura izina, bavuga ko kwiyitirira ubwoko biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro ry'Uburundi.

Mur'iyo nama y'abakuru b'ibihugu, umukuru w'umuhari Palipehutu-FNL yasavye umwanya n' imiriyoni amajana atatu z’amafaranga y’Uburundi, kugira ngo aze gusigurira abanywanyi ko bategerezwa guhindura izina. Ayo mafaranga yaragoranye kuboneka, ariko mu mpera z'indwi irangiye amakungu yarayatanze ayacishije ku biro vy'umuhuza.

Abarongoye umuhari Palipehutu-FNL hamwe n'abaserukira abandi mu ntara barabandanya igikorwa co gutora izina rishasha rizosubirira Palipehutu-FNL. Mu misi iri imbere, igihe izina rishasha rizoba rimaze kuboneka, umuhari Palipehutu-FNL uzoca usaba kuba umugambwe. Umaze kwemererwa nk'uko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yavyemeye imbere y'abakuru b'ibihugu, uzoca uronke uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro witegurire amatora yo mu mwaka wi 2010. Ico kibazo nico gisa n'icari carahagaritse ishigwa mu ngiro ry’amasezerano yemejwe mu mwaka w'i 2006 i Dar Es Salaam muri Tanzania, hagati ya reta y’Uburundi n'umuhari Palipehutu-FNL.

Inyuma y'igenekerezo rya 31 Kigarama 2008 ryari ryaratanzwe, ubu biribonekeza ko impande zose ziriko zirihata kugirango ayo masezerano ashirwe mu ngiro.


XS
SM
MD
LG