Uko wahagera

Ubukene bw’Ibitoro mu Burundi


Mu bibanza bicururizwamwo ibitoro mu gisagara ca Bujumbura, imiduga ni urutavanako. Abashoferi bakoresha imiduga yunguruza abantu n’ibintu baridoga cane.

Abagendesha imiduga baganiriye n'Ijwi rya Amerika baremeza ko bishika ko bashobora kumara imisi itatu batondeye ibitoro. Abakorera abandi batwara imiduga ya tagisi, bavuga ko bama bariko baratongana n'abakoresha babo, kubera kubura amafara angana n’ayo bari basanzwe batanga ku musi ku musi.

Kubera ubwo bukene bw'ibitoro, ibiciro vyo kwunguruza abantu vyaduze incuro hafi kabiri, bituma abakoresha za tagisi canke bisi babura abagendera mur’iyo miduga. Imiduga yunguruza abantu n'ibintu yaragabanutse, kubera ko imwe iguma muhira, iyindi nayo ikaba itonze mu bibanza bitanga ibitoro.

Ishirahamwe ry'abaguzi ABUCO, risaba reta gufatira ibihano abadandaza ibitoro, ribagiriza ko banka gutanga ibitoro kandi babifise, kubera reta iherutse gufata ingingo yo kugabanya ibiciro vy'ivyo bitoro. Kuva aho ibiciro bigabanukiye ku masoko mpuzamakungu, reta y'Uburundi yaramanuye ibiciro, gusika aho iritiroimwe igabanuka amafaranga ashika amajana atatu. Kuva ico gihe, abadandaza ibitoro baridoze cane. Ishirahamwe Engen rikomeye mur'urwo rudandazwa mu Burundi ryarananye gushika aho rikatirwa ihadabu y'amadorari ibihumbi bitanu, ibikorwa vyaryo birahagarikwa gushika n'ubu.

Ishirahahamwe ABUCO risaba ko abadandaza bose banse gutanga ibitoro canke kubirangura bafutwa mur'ako kazi, amasoko agahabwa abandi babishoboye kandi bavyipfuza. Mur’iyi misi, usanga mu mabarabara abantu bariko barasunika imiduga yakamyemwo ibitoro, harimwo n'iya reta.


XS
SM
MD
LG