Uko wahagera

Ingorane za ba Nyamweru mu Ntara ya Gitega


Ba Nyamweru umunani baherutse guhungira mw'ikambi y’igipolisi i Gitega. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya gatandatu, ukwezi kw’icumi na kabiri, ba nyamweru umunani bituye igiporisi co ku mugwa mukuru w'intara ya Gitega, bavuga ko ubuzima bwabo bugeramiwe. Abo ba nyamweru bahungiye muri district i Gitega bava ku misozi itandukanye yo mur’iyo komine.

Bavuze ko bariko barahigwa n'abantu barondera kubica, babaronderako ibihimba vy'umubiri. Umwe muribo yavuze ko amaze gutegwa gerenade, ariko ko yahakuwe n'Imana, kandi na bagenziwe baravyemeza.

Aho bashikiye nti hashemeye, kandi nti baronswa ibifungurwa bikwiye, uretse kandi ko batagira n’ico bifuka. Umukuru w'urwego rw’igiporisi mur'iyo kambi yabakiriye, ariko arasaba abajejwe intwaro kubaronderera ikindi kibanza, bakaronsa inzu aho abajejwe umutekano bobancungerera umutekano wabo. Umukuru w'intra ya Gitega, Selemani Mossi, yavuze ko bagiye gukora uko bashoye kwose kugira ngo bakingire abo ba nyamweru. Yarongeye atera akamo abagiraneza, abasaba gufasha kuronsa ivya nkenerwa abo ba nyamweru bataye izabo.

Ubwicanyi bukorerwa ba nyamweru bwatanguriye mu ntara ya Ruyigi, ihana urubibe n’igihuug ca Tanzania aho ubwicanyi nk'ubwo bumaze imyaka myinshi, bukorwa n'abantu bemera ko ibihimba vy'umubiri vy'aba nyamweru bitanga umugisha mwinshi ku badandaza bashaka gutera imbere. Bavuga kandi ko bikiza n’indwara zitari nke.

Mu Ruyigi hamaze kwicwa ba nyamweru bashika cumi, uwanyuma yishwe yari umwana w’umwigeme afise imyaka cumi n'umwe. Kenshi na kenshi abakora ubwo bwicanyi nti bafatwa. Iyo bafashwe naho abanyagihugu bipfuza ko bokwicwa kuko ngo badahanwa vy'akarorero. Mu Burundi igihano co kwicwa giherutse gufutwa mu mategeko, ariko abanyagihugu nti bagishijwe inama. Bamwe bavuga ko mu gihugu hagwiriye ubwicanyi, k’uburyo bitari bikwiye ko igihano co kwicwa gifutwa.


XS
SM
MD
LG