Uko wahagera

Inama y'Abakuru b'Akarere mu Burundi


Bujumbura yiteguriye kwakira inama y'abakuru b'ibihugu bazokwiga ikibazo ca Reta y’Uburundi n’umuhari Palipehutu- FNL. Kw’igenekerezo rya gatatu, ukwezi kw’icumi na kabiri, abakozi bajejwe ibikorwa vyo kugira isuku mu gisagara ca Bujumbura bazindutse mu mabarabara, bamwe bakubura abandi basiga amarangi mashasha ku mazu. Ivyo bikaba ari ibimenyetso vyerekana ko Bujumbura igiye kwakira abashitsi b'iteka, n'aho abantu bamwe baganiriye n'Ijwi rya Amerika basa n’abatari bazi neza abashitsi bitezwe abo aribo.

Inyuma y'uko umuvugizi w'umukuru w'igihugu, Leonidas Hatungimana yemeje ko inama y'abakuru b'ibihugu bo mu karere k'ibiyaga binini ari ntabanduka ku wa kane igenekerezo rya kane ry’uku kwezi kw’icumi na kabiri, abanyamigambwe cane cane imigambwe UPRONA na FRODEBU baciye bashikiriza ku maradiyo ko iyo nama iriko itegurwa nabi, n'aho bavuga ko ishobora gufasha mu vyerekeye ikibazo kiri hagati ya reta y’Uburundi n’umuhari Palipehutu-FNL.

Umugwi utegurira inzira Perezida Museveni asanzwe ajejwe umugambi w'akarere, mu vyerekeye kugarukana amahoro mu Burundi, waramaze gushika i Bujumbura, mbere Perezida Museveni yararungitse n’umuduga, umwe utamenwa n'amasasu, uzomutwara igihe azoba ari i Bujumbura. Bitegekanijwe ko umushikiranganji wa mbere w'Urwanda, Bernard Makuza, ashika i Bujumbura kur'uyu wa gatatu, igenekerezo rya gatatu, abandi bategetsi bataraza bakazoshika ku musi wa kane mu gitondo.

Iyo nama ifise intumbero yo gutorera umuti ingorane zijanye n'ishigwa mu ngiro ry’amasezerano amaze imyaka ibiri irenga yaremejwe na reta hamwe n'umuhari Palipehutu-FNL. Ariko iyo nama itunganijwe mu gihe abarongoye umuhari Palipehutu-FNL bari muri Afrika y'Epfo, iyo bagiye kubonana n'umuhuza mu biganiro vy’Uburundi. Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL yabariye amaradiyo y'i Bujumbura ari muri Afrika y'Epfo ko urwo rugendo barwumva ku maradiyo gusa.

Abo bakuru b'ibihugu bahuye mu gihe ikiringo cahawe impande zose ngo zishire amasezerano mu ngiro kizorangira kw'igenekerezo rya mirongo itatu na rimwe uku kwezi kw’icumi na kabiri. Umuhari Palipehutu-FNL ni umuhari uvuga ko uvugira abahutu ariko utarashira ibigwanisho hasi.

XS
SM
MD
LG