Uko wahagera

Urubanza rwa J.C. Kavumbagu m'Umwiherero


Urubanza rwa Jean Claude Kavumbagu rwagiye mu mwiherero. Sentare Nkuru isubiramwo imanza i Bujumbura yasize mu mwiherero urubanza rw'umuyobozi w'ikinyamakuru Net Press, Jean Claude Kavumbagu.

Imburano zamaze amasaha atatu, zari zishimikiye ku kibazo co kurekura ivy'agateganyo Jean Claude Kavumbagu, canke akabandanya gupfungwa. Ababuranira umuyobozi w’ikinyamakuru Net Press babandanya kuvuga ko amategeko yahonyanzwe mu gupfunga Jean Claude Kavumbagu. Ariko umushikirizamanza aburanya Jean Claude Kavumbagu, yemeza ko apfunzwe kugira ngo ntabandanye kwandika ibirtyoza abantu cane cane abategesi. Ikindi gisigura ipfungwa rya Kavumbagu, ngo n'uko yoba ari ahantu adashobora guca mu ryahumye ubutungane.

Mu masaha mirongo ine n'umunani akurikira urubanza rwabaye kw’igenekerezo rya 26 z’ukwezi kw’icumi na rimwe, niho sentare nkuru isubiramwo imanza izoshikiriza ingingo yafashwe, hanyuma urubanza rugaca rwinjira mu mburano nyakuri, zishimikiye ku caha umukuru wa Net Press yagirizwa.

Jean Claude Kavumbagu amaze imisi mirongo indwi n'indwi mw’ibohero rikuru ry'i Bujumbura, yagirizwa kuba yatanze inkuru itariyo. Umunyamabanga mukuru wa reta niwe yitwaye imbere y'ubutungane, avuga ko ikinyamakuru Net Press catangaje ko Perezida Nkurunziza yatwaye amadorari ibihumbi ijana mu rugendo aherutse kugira mu Buchinois. Uwo munyamabanga mukuru wa reta avuga ko iyo nkuru atariyo, akamenyesha ko umukuru w'igihugu yatwaye ibihumbi mirongo itanu vy'amadorari, m’urugendo rwamaze indwi imwe.

XS
SM
MD
LG