Uko wahagera

Reta y'Uburundi n’Ishirahamwe Engen ku Vyerekeye Ibitoro


Reta y’Uburundi yaciriye ishirahamwe Engen ihadabu ry'imiriyoni zitanu. Ubushikiranganji bujejwe imigambi y’ubudandaji n'amahinguriro mu Burundi bwafatiye ibihano ishirahamwe Engen ridadanza ibitoro, inyuma y'uko iryo shirahamwe ryanse kudandaza ibitoro ku biciro bishasha vyashinzwe na reta.

Urwandiko reta y’Uburundi yashikirije abarongoye ishirahamwe Engen rutegeka iryo shirahamwe gutanga ihadabu ry'imiriyoni zitanu z'amafaranga y’amarundi, hanyuma ibigega vyose vy'iryo shirahamwe bikugarwa, abadandaza bakorana n'iryo shirahamwe banse gutanga ibitoro ku masitasiyo nabo nyene bagatanga ihadabu ry'umuriyoni w'amafaranga y'amarundi, n’ibibanza bakoreramwo navyo nyene bikugarwa.

Ishirahamwe Engen ryari risanzwe ritanga ibitoro i Bukavu no mu buseruko bwa Congo, ariko ubu nti rifise uburenganzira bwo gusohora ibitoro biva mu Burundi. Izo ngingo zose zisigurwa mu rwandiko ruvuga ko ishirahamwe Engen ryagagaje, rikanka kwubahiriza ingingo ya reta igabanya ibiciro vy’ibitoro ku neza y'abanyagihugu. Reta yisigura ivuga ko ibiciro vy’ibitoro vyagiye biragabanuka cane ku masoko mpuzamakungu.

Abarongoye iryo shirahamwe nta kajambo barabwira abamenyeshamakuru, ariko ababegereye babwiye Ijwi rya Amerika ko ishirahamwe Engen ridashobora kudandaza esanse ku giciro c'i 1700 y’amarundi, n'amazutu ku giciro c’i 1500 y’amarundi, ngo kuko ryohomba imiriyoni umunani zirenga, riravye ingene ryaranguye ibitoro ku masoko mpuzamakungu.

Abo begereye abatwara ishirahamwe Engen bavuga ko mu bigega hari amaritiro arenga imiriyoni zine, n'ayandi nk’ayo ari mu nzira. Ishirahamwe Engen rifise amasitasiyo mirongo itatu n'atandatu mu gihugu cose, rikaba ariryo ritanga ibice birenga mirongo indwi kw'ijana vy’ibitoro bikoreshwa mu Burundi.

Amasitasiyo abandanya akora mu gisagara ca Bujumbura ni cumi gusa, ayo nayo akaba ahabwa ibitoro n'ishirahamwe Interpetrol. Iryo shirahamwe naryo nyene ryarigeze kugiriranira ingorane na reta y’Uburundi, igihe ryagirizwa ubusuma bw'amafaranga. Amakamyo, ibitoro, n'ibindi bikoresho vy’iryo shirahamwe vyari vyahagaritswe n'ubutungane.

XS
SM
MD
LG