Uko wahagera

Ingaruka ku Burundi z’Ingorane z'Ubutunzi kw'Isi


Uguhomba kw'amabanki akomeye kw'isi kugiye gutuma imfashanyo Uburundi buronka zigabanuka. Alain Niyubahwe umuhinga mu vy'ubutunzi akaba n’umushakashatsi w'ikigo kijejwe iterambere mu Burundi IDEC, atanganza ko imfashanyo Uburundi busanzwe buhabwa zigiye kugabanuka cane, bivuye k'uguhomba kw'amabanki akomakomeye yo muri Reta Nzunze Ubumwe za Amerika n'i Buraya.

Umushakashatsi Alain Niyubahwe yabwiye ijwi rya Amerika ko ibihugu bifasha Uburundi bigiye kugira ingorane z'ubutunzi zizotuma bigabanya amafaranga vyafashisha ibihugu bikenye. Amashirahamwe n'abagwizatunga bahora bazana imitahe yabo nabo nyene ngo bagiye kugabanuka kubera ko batakironka ingurane zikwiye.

Ubutunzi bw’ibihugu bikenye bugiye kumererwa nabi. Abategetsi b’ivyo bihugu ngo nta kintu kinini bashobora guhindura, ariko igikuru ngo n’uko bohakura icigwa c'uko ukudatwara neza, ukudatunganya ibikorwa neza cane cane mu mabanki bituma ubutunzi busubira inyuma.

Umushakashatsi wa IDEC asigura kandi ko amabanki makuru yo mu bihugu bikenye agiye kugira ingorane, kubera ko atamenya neza ingene amafaranga y'agaciro ahinduka ku musi ku musi. Ibice mirongo itanu na kimwe vy’amafaranga reta y'Uburundi ikoresha biva hanze.


XS
SM
MD
LG