Uko wahagera

Jean-Claude Kavumbagu Aracapfunzwe


Mu mpera z'indwi irangiye Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yemeje ko Jean-Claude Kavumbagu, umuyobozi w'ikinyamakuru Net Presse aguma apfunzwe.

Iyo ngingo y'abacamanza yafashwe inyuma y'uko Jean-Claude Kavumbagu arengukijwe mu ntahe y'icese. Abashingwamanza b'uwo muyobozi w’ikinyamakuru Net Presse bari basavye ko Jean-Claude Kavumbagu arekurwa akaburana y'idegemvya.

Abashingwamanza bavuga ko batangajwe cane n’iyo ngingo batari bwamenyeshwe icese gushika ku musi wa mbere, igenekerezo rya 29, z’uku kwezi kw’icenda. Iyo ngingo y'abacamanza yatangajwe n'amaradiyo, yongera yemezwa n'abo m’ubushikiranganji bujejwe ubutungane.

Jean-Claude Kavumbagu, umuyobozi w’ikinyamakuru Net Presse amaze imisi cumi n'icenda apfungiwe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura bita Mpimba. Uwo muyobozi w'ikinyamakuru yapfunzwe yagirizwa ko yatanze inkuru zitarizo, zijanye n'amafaranga umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yakoresheje mu rugendo aherutse kugira mu gihugu c'Ubushinwa

XS
SM
MD
LG