Uko wahagera

Perezida Paul Kagame mu Burundi


Perezida w'Urwanda Paul Kagame yatanguye urugendo rw'imisi itatu mu Burundi kw’igenekerezo rya 20, ukwezi kw’umunani, mu 2008. Urwo rugendo rubaye urwa mbere kuva Perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza aja k'ubutegetsi haraheze imyaka itatu.

Perezida Paul Kagame yinjiye mu gisagara ca Bujumbura igihe c'isaha zitandatu zirenga iminota mirongo ine, azananye ibarabara. Uretse ko imiduga ifata ibarabara yazananye yari yahagaritswe kuva isaha zitatu zo mu gitondo, nta bantu bahimirijwe ngo baje gutegera Perezida w'Urwanda. Vyibonekeje ko abajejwe umutekano b'Abarundi n'Abanyarwanda aribo bari benshi ku mabarabara.

Ivyo abo bakuru b'ibihugu bibiri bazoganira ntawurabimenya, ariko haheze imisi Urwanda rusavye reta y'Uburundi ngo itange abantu barenga amajana atandatu bagirizwa kuba baragize uruhara mw'ihonyabwoko ryo mu Rwanda. Uburundi nabwo bufise dosiye Abarundi basaba ko ubutungane bwokurikirana. Iyo dosiye yerekeye urupfu rwa Perezida Ntaryamira yapfiriye mu ndege yari itwaye Perezida Havyarimana.Uburundi n'Urwanda birafitaniye kandi amatati yerekeye imbibe, aho Ububirigi n'ishirahamwe mpuzamakugu vyasabwe gufasha.

Bitegekanijwe ko Perezida Kagame abonana n'abagwizatunga b'Abarundi, agendere ikigo c'akarere k'ibiyaga binini kijejwe iterambere vy'uburimyi n'ubworozi (IRAZ) n’ikigo SODECO gihingurirwamwo ikawa yo mu Burundi. Ku musi wa gatanu inyuma y'umutaga, umurwi w'abakinyi b'umupira w'amaguru wo mu Rwanda uzotana mu mitwe n'umugwi Allelua FC wa Perezida Nkurunziza.

Uburundi n'Urwanda bisangiye kahise. Vyatwawe n'igihugu kimwe c'ubukoroni arico Ububirigi. Mu ntambara yabaye muri Congo, Abasirikare b'Abarundi n'Abanyarwanda bagwanira hamwe. Ivyo bihugu uko ari bibiri vyarabangamiwe cane n'amacakubiri afatiye ku moko y'abahutu n'abatutsi.

XS
SM
MD
LG