Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yarabonanye na Rwasa Agathon


Umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza yarabonanye ubwa mbere n'umukuru w'umuhari Palipehutu-FNL, inyuma y'amezi ane Agathon Rwasa amaze atahutse i Bujumbura.

Uwo mubonano wamaze amasaha abiri, wari uhagarariwe na Charles Ngakoula, umuhuza hagati ya reta y’Uburundi n’umuhari FNL. Ingino zotatu zikomeye zafashwe nk'uko vyemezwa na Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL yamenyesheje ko hafashwe ingingo zitatu: ingingo ya mbere n’uko Perezida Nkurunziza na Rwasa bagiye kuzokwama babonana kabiri mu ndwi, hanyuma bagashinga imigwi ibiri izobandanya kwihweza ibibazo bijanye no kugabura ubutegetsi. Umuhuza Charles Ngakouala azogaruka mu Burundi mu ndwi iza, kuraba intambwe izoba igezweko kur'ivyo bibazo.

Umubonano hagati ya Presida Nkurunziza na Rwasa wabaye ata mumenyeshamakuru arekuriwe kwegera aho ivyo biganiro vyariko birabera. Leonidas Hatungimana avugira umuhari Palipehutu-FNL, avuga ko hataragera ko batangaza ivyavuye mu mubonano wa Perezida Nkurunziza na Rwasa. Igikorwa co kwumvikana kugabura ubutegetsi gisa n'ikitazokworoha, kuko umuhari Palipehutu-FNL usaba kuronswa intebe cumi na zitatu muri reta igizwe n’abashikiranganji mirongo ibiri na batanu. Aho nti tuvuze ibindi bibanza umuhari Palipehutu-FNL usaba.

Abanyaporitike batavuga rumwe na reta n'abari mu mashirahamwe ategamiye reta, basavye kuva kera ko Rwasa Agathon na Perezida Nkurunziza babonana kugira ngo amahoro asasagare mu gihugu cose.

XS
SM
MD
LG