Uko wahagera

Umugambwe wa Mirongo Itatu n'Icenda Wemerewe mu Burundi


Itegeko ry'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Venant Kamana nomero 530/778 ryo kur'uwu wa kabiri riha uburenganzi umugambwe mushasha wa muganga Jean Minani gukorera k'umugaragaro.

Uwo mugambwe witwa Sahwanya FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE warumaze ukwezi kurenga usavye gukora k'umugaragaro ariko inyishu ya mbere yari yasavye abarongoye uwo mugambwe guhiduraizina n'ibiranga uwo mugambwe kuko mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati bavuga ko abantu bashobora kwitiranya uwo mugambwe n'umugambwe Sahwanya FRDEBU ya Ndadaye. Abegereye umushikiranganji Kamana batashimye ko tubavuga amazina babwiye Ijwi rya amerika ko umushikiranganji Kamana yavuze ko basanze bidakenewe.

Umushingamateka Leonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU avuga ko iyo ngingo yerekana neza ko ubutegetsi n'umugambwe CNDD FFD bafise intumbereo yo gusambura FRODEBU. Iyo ngingo ngo iteye kubiiri n'itegeko rigenga imigambwe kuko ata mugambwe urekuriwe kugira izina ry'uwundi mugambwe.

Muganga Jean MInani ari mu bantu ba mbere bashinze umugambwe FRODEBU ari kumwe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Melchior Ndadanye. Inyuma y'ibiganiro vy'i Arusha Minani Jean yaratwaye uwo mugambwe gushika aho utsindiwe mu 2005, kuva ico igihe abarongoye uwo mugambwe bagiye baracanamwo kubera ahanini kurwanira ibibanza nk'uko abanywanyi bamwe bamwe bagiye barabivuga. Muganga Jean Minani yasubiriwe na Leonce Ngendakumana, uyu nawe yaciye amukura mu mugambwe amwagirizako akorera umugambwe uri k'ubutegetsi.

Iyemezwa ry'umugambwe Sahwanya FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE rigabanya inguvu z'umugambwe FRODEBU wavugwa ko ushobora gutera ubwoba umugambwe CNDD FDD mu matorayo 2010.

Iyindi migambwe itatu irindiriye kwemererwa mu Burundi.

XS
SM
MD
LG