Itegeko
ry'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Venant Kamana nomero 530/778 ryo
kur'uwu wa kabiri riha uburenganzi umugambwe
mushasha wa muganga Jean Minani gukorera k'umugaragaro.
Uwo
mugambwe witwa Sahwanya FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE warumaze ukwezi kurenga
usavye gukora k'umugaragaro ariko inyishu ya mbere yari yasavye abarongoye uwo
mugambwe guhiduraizina n'ibiranga uwo mugambwe kuko mu bushikiranganji
bw'intwaro yo hagati bavuga ko abantu bashobora kwitiranya uwo mugambwe
n'umugambwe Sahwanya FRDEBU ya Ndadaye. Abegereye umushikiranganji Kamana
batashimye ko tubavuga amazina babwiye Ijwi rya amerika ko umushikiranganji Kamana
yavuze ko basanze bidakenewe.
Umushingamateka
Leonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU avuga ko iyo ngingo yerekana
neza ko ubutegetsi n'umugambwe CNDD FFD bafise intumbereo yo gusambura FRODEBU. Iyo ngingo ngo iteye kubiiri
n'itegeko rigenga imigambwe kuko ata mugambwe urekuriwe kugira izina ry'uwundi
mugambwe.
Muganga
Jean MInani ari mu bantu ba mbere bashinze umugambwe FRODEBU ari kumwe n'uwahoze
ari umukuru w'igihugu Melchior Ndadanye. Inyuma y'ibiganiro vy'i Arusha Minani
Jean yaratwaye uwo mugambwe gushika aho utsindiwe mu 2005, kuva ico igihe abarongoye uwo mugambwe bagiye baracanamwo
kubera ahanini kurwanira ibibanza nk'uko abanywanyi bamwe bamwe bagiye
barabivuga. Muganga Jean Minani yasubiriwe na Leonce Ngendakumana, uyu nawe
yaciye amukura mu mugambwe amwagirizako akorera umugambwe uri k'ubutegetsi.
Iyemezwa
ry'umugambwe Sahwanya FRODEBU NYAKURI IRAGI RYA NDADAYE rigabanya inguvu
z'umugambwe FRODEBU wavugwa ko ushobora gutera ubwoba umugambwe CNDD FDD mu matorayo 2010.
Iyindi migambwe itatu irindiriye kwemererwa mu Burundi.