Uko wahagera

Uburundi Busaba Amafranga Amakungu


Reta y'Uburundi yatanguje kur'uwu wa mbere uruganda rwo gusaba amafaranga amakungu yo kubandanya gufasha mu mugambi wo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze k'urugamba.

Reta y'Uburundi ntitomora neza amafaranga ikeneye mur'ico gikorwa canke ikiringo gikwiye kugira abahoze ari abagwanyi ibihumbi mirongo itanu na bitanu bivugwa mu maraporo y'umugambi w'igihugu ujejwe ico gikorwa bazobe basubijwe mu buzima busanzwe.

Mu myaka ibiri uwo mugambi uzoba umaze mu mpera z'uyu mwaka uzoba umaze gusubiza mu buzima busanzwe abahoze k'urugamba ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu;mur'abo harimwo abana ibihumbi bitatu na mirongo itandatu n'umwe,abakenyezi n'abigeme amajana atanu na cumi n'indwi. Amafaranga azoba yakoreshejwe arenga imiriyaridi cumi na zine n'imiriyoni amajana indwi y'amarundi ni ukuvuga imiriyoni zirenga cumi na zine z'amadorari y'abanyamerika. Silas Ntigurirwa atwara umugambi DDR avuga ariko intambwe ikiri ndende mur'ico gikorwa gitegerezwa kubandanya kubahoze ari abagwanyi baharugwa mu bihumbi hafi mirongo ibiri n'icenda.

Amafaranga atekererwa abahoze k'urugamba ni ifashanyo y'Ibanki y'isi yose atangwa bafatiye kw'ipete umugwanyi yarafise mu migwi yagwana canke mu gisoda c'igihugu. Uwufise ipete yo hasi ahabwa ibihumbi amaja atandatu y'amarundi atangwa mumice itatu.

Abasubizwa m'ubuzima busanzwe bararonkejwe inyigisho zijanye no gusubira kubana n'abanyagihugu ariko kenshi igiporisi n'igisoda biremeza ko ubusuma bukorwa hakoreshejwe ibigwanisho bwagira kenshi na kenshi n'abahoze k'urugamba bataravavanura no kubaho bakoresheje ibigwanisho.

Igikorwa co gusubiza m'ubuzima busanzwe abahoze k'urugamba gifise intumbero yo kugarukana amahoro ariko Ibanki y'isi yose ishigikiye uuwo mugambi isaba reta kugabanya abasirikare bakava ku bihumbi mirongo itatu bakaja ku bihumbi mirongo ibiri na bitanu, abaporisi bave ku bihumbi mirongo ibiri baje ku bihumbi cumi na bitanu. Ibanki y'isi yose yereka reta ko ibitigiri vy'umurengera mur'ivyo bisata bitwara amafaranga menshi cane.

XS
SM
MD
LG