Uko wahagera

Igipolisi mu Burundi Carekuye Abantu Mirongo Itandatu n'Umunani


Kur'uwu w'Imana igiporisi c'Uburundi carekuye abantu miringo itandatu n'umunani bari bamaze ukwezi kurenga bapfungiwe mu biro vy'inyamiramabi mu gisagara ca Bujumbura.

Abo bantu bafashwe bagirizwa ko bari bagiye kwinjira mu muhari Palipehutu FNL. Igihe bahagarikwa bari mu miduga ibavana ruguru ibatwara i Bujumbura. Bahagaritswe basigura ko bari bagiye i Bujumbura, bamwe bavuga ko bagiye kuramukanya abandi ko bagiye kurangura ibidandazwa.

Umuvugizi w'Igiporisi yashikirije abo bantu urwego rujejwe gushira mu ngiro amasezerano hagati ya reta n'umuhari Palipehutu FNL n'abajejwe ivya poritike mur'ico gikorwa. Pierre Channel Ntarabaganyi yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu barekuwe bakorewe amadosiye yerekana abo bantu abo aribo n'amafoto yabo ngo yarafashwe. Umuvugizi w'igiporisi avuga ko barungitswe iwaba ikizikira kikaziririzwa ngo ni kwemererwa kwinjira mu gisoda canke igiporisi.

Amasezerano hagati ya reta na FNL arabuza iyinjizwa ry'abagwanyi bashasha ariko reta yagumye yagiriza Palipehutu FNL ko ibandanya yinjiza abagwanyi.

Irekurwa ry'abo bantu ribaye inyuma y'aho Palipehutu FNL yemereye kurungika abagwanyi mu bibanza bitegekanijwe kugira bakwe ibigwanisho.

XS
SM
MD
LG