Uko wahagera

Ingorane mu Masezerano y’Amahoro mu Burundi


Amasezerano y'amahoro mu Burundi aracarimwo ingorane. Kuva aho umuhari Palipehutu-FNL utahukiye, mu mugambi wo gutangura utwigoro two gushira mu ngiro amasezerano y'agahengwe, no gutera igikumu ku masezerano y'amahoro, abanyagihugu bariruhukije. Baranezezwa n'uko amahoro agiye gusasagara.

Abarundi bari barataye ingo zabo baratahutse, eka n'inkoho zisa n'izanumye muri rusangi. Yamara gushika uyu musi, abategetsi bari mu biganiro barabandanya kwagiranya inyifato mbi, yo kudashira imbere inyungu z'igihugu hamwe n'inyungu z'abarundi banyoteye amahoro.

Mur'iki kiganiro mugiye gukwirikirana, twatumiye abategetsi bakomeye bajejwe ibiganiro vyo gushira mu ngiro amasezerano y'agahengwe: Ku ruhande rwa Palipehutu-FNL, twaganiye n'umukuru w'uwo muhari, Agathon Rwasa.

Ku ruhande rwa reta naho, twavuganye n'umukuru w'umurwi userukira reta mur'ivyo biganiro, Evarsite Ndayishimiye. Nk'uko mugiye kuvyiyumvira, abo bategetsi baravuga ikibaraje ishinga mu gihe ivyo biganiro bibandanya.

XS
SM
MD
LG