Uko wahagera

Ikibazo co mu Mwaka wa Gatandatu mu Burundi


Abana barenga ibihumbi cumi na bitanu bitavye ikibazo co mu mwaka wa gatandatu. Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure yisumbuye cakozwe, mu gihugu cose, n'abanyeshure barenga ibihumbi cumi na bitanu n'abarenga ibihumbi bitatu bo mu makambi y'impunzi. Mu gihugu hagati hategekanijwe ibibanza amajana icenda na mirongo ibiri n'umunani, mu makambi y'impuzi atatu naho hagategekanywa ibibanza indwi gusa.

Mu bibanza vyinshi vyabereyemwo ico kibazo, ibikorwa vyatanguye bitevye, kubera ibibazo vyashitse bitevye. Abanyeshure batari bake, ariko batazwi neza igitigiri mu gihugu cose, nti bitabiriye gukora ico kibazo, nk'uko abajejwe gukoresha ivyo bikorwa babivuga. Insiguro zitangwa ngo n’uko hari abahevye amashure bakaja kugwana mu muhari Palipehutu FNL mu turere tumwe tumwe, abandi nabo ngo bahevye amashure kubera ubukene bw'abavyeyi, bwatumye baguma muhira canke bakaja kurondera ubuzi bubaha amahera.

Ubusuma bw'abana bo mu mashure yisumbuye baja gukorera ikibazo abandi, bwaribonekeje mu ntara za Cibitoke na Bururi, nk'uko vyemezwa n'abajejwe intwaro. Abafashwe bashika icumi bari mu minywe y'abaporisi. Raporo ya ONU ku vyerekeye kwigisha abana bose bageze, ivuga ko abanyeshure bo mu mwaka wa nyuma mu mashure y'intango, basibira kubera imvo nyinshi, harimwo ubukene mu miryango, ubukene bw'amashure n'abigisha bakwiye bavyize, itituka ry'inyigisho, na za yegereyegere nyinshi z’abigisha basaba ko agashahara kongerezwa.

XS
SM
MD
LG