Uko wahagera

Gutoteza Abanyamahanga muri Afrika y'epfo


Abanyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’epfo barabandanya gutotezwa. Mu kiganiro Fred Ngoga Gateretse, ajejwe akarere ka Afrika mw’ishirahamwe, IJET, riraba umutekano mu vya politike kw’isi, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko ikintu ca mbere catumye ico kibazo caduka ari uko Reta ya Afrika y’epfo yananiwe n’ugushobora gutorera inyishu ibibazo vy’ubukene bihari cane cane mu birabure. Ubwo bukene butuma babona abanyamahanga baje muri Afrika y’epfo, bamwe bavuye muri Zimbabwe, abandi bavuye muri Mozambique na Malawi, umengo baje n’ukubatwara na dukeyi bari bafise.

Benshi muri abo baza kugerera muri Afrika y’epfo nta kazi baba bafise, bagaca baja kenshi mu vyerekeye ubusuma mu bica bitera ingorane. Hari n’abandi bashoboye gutunga n’ukwiteza imbere, bigatuma abantu bashavura, bagatangura kwanka abanyamahanga n’ukubegekako ibibazo vyose bafise.

Ingaruka ivyo bishobora kugira n’uguca inkonkora abantu bifuza kuja gukorera muri Afrika y’epfo, cane cane abagwizatunga. Ivyo bizotuma kandi iciyumviro abantu benshi bari bafise kuri Afrika y’epfo c'uko ari igihugu gishaka guhuza n’ukwakira abanyafrika gihinduka.

XS
SM
MD
LG