Uko wahagera

Ibiganiro Vyo Guhagarika Ingwano mu Burundi


Umuhari Palipehutu-FNL warasubiye kwicara hamwe na reta y’Uburundi mu biganiro vyo guhagarika igwano, ariko gushika ubu intambara ziracabandanya. Ibikorwa vyo gushira mu ngiro amasezerano hagati ya reta y’Uburundi n'umuhari Palipehutu-FNL vyarasubiriye gutangura i Bujumbura, inyuma y'amezi icenda vyari bimaze vyarahagaze. Ariko impande zose nti ziremera guhagarika intambara zadutse kw'igenekerezo rya cumi n'indwi ukwezi kwa kane.

Kingsley Mamabolo yaserukiye umuhuza Charles NKouakula mur'ivyo bikorwa, yasavye impande zose kwemera guhagarika intambara, no gushira mu ngiro ivyo biyemeje ata gusubira inyuma. Intumwa za reta n’iz’umuhari FNL nti zumvikana kw'ihagarikwa ry'intambara. Umwe yagiriza uwundi ko ariwe yatanguye indwano, bigatuma basigana kw’itegeko ryo guhagarika intambara.

Impande zose ziyemeje kubandanya kuganira ku kibaza co guhagarika intambara, ariko intambara zirabandanya muri Bujumbura-Rurare, kandi zikaze cane cane muri komine Bugarama.

Ibiganiro vyo gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika ingwano hagati ya reta n’umuhari FNL vyahagaze mu kwezi kw'indwi, kw’umwaka uheze, igihe intumwa za FNL ziyonjorora, zivuga ko umutekano wazo udacungerewe bikwiye.

Abarongoye umuhari FNL batahutse mu Burundi ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 16 ukwezi kwa gatanu, barongowe n'umuvugizi w'umuhari Pasteur Habimana.

XS
SM
MD
LG